Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura : Umuporisi hamwe n’umunyagihugu bagandaguwe n’abasuma
Bujumbura : Umuporisi hamwe n’umunyagihugu bagandaguwe n’abasuma
jeudi 12 Ntwarante 2015
Abasuma bibisha inkoho baragisibije mu gisagara ca Bujumbura, aho hari umugabo yagandaguwe avuye kubikuza amafaranga yiwe mw ‘ibanki.

Ku kagoroba ko kuri uyu wa 11 Ntwarante uwu mwaka, akarwi k ‘abasuma bitwaje ibigwanisho kataramenyekana, niko kakoze iryo shano, mu kugandagura umunyagihugu, hafi y’isengero y’abakatorika Saint Michel. Uwo mugabo bivugwa ko yoba ari muri bamwe bavunja amafaranga, akaba yatwawe isaho yoba yarimwo amafaranga angana n’umuriyoni n’igice. Abanyagihugu bari ngaho, bakaba batubwiye ko bagiye babona umuduga wo mu bwoko bwa TI, ukurikira uwo mugabo yari n’amaguru, bagerageza kumwaka iyo saho, nawe arabarwanya, niko guca bamurasa, aca yitaba Imana. Abasanzwe bagendesha amapikipiki bafise igituro hafi y’aho, n’abandi banyagihugu baragerageje gutabara, bamwe batera amabuye, abandi barabirukako, abo basuma baca barasa hejuru, baba barasize abo banyagihugu.
Umuporisi yari afise ipikipiki, akaba riwe yagerageje gukurikira abo basuma, ariko nawe ageze ahitwa kuri Jardin Public, akaba yaciye araswa n’abo basuma, baramukomeretsa cane, akaba yaciye ajanwa kwa muganga, ariko munyuma nawene, bikavugwa ko yoba yaciye yitaba Imana. Abanyagihugu twasanze aho kuri Saint Michel, bakaba batubwiye ko ubwanwa bwapfutse umunwa, kubona umuntu yicwa azira umuriyononi n’inusu. Abo banyagihugu nyene, bakaba batubwiye ko iparati z’uwu muduga bazibonye, ko bagiye kuzozibwira igiporisi, gishobore kugira amatohoza.
Ornella Akimboneza
Messages
12 Ntwarante 2015, 15:33, par claire
ibiriko birabera muri iki gihugu ni ibara!!!!!!!!!!!!!!!!!!!
12 Ntwarante 2015, 16:22, par sunzu
yooooooooooo birababaje cane nakamaramaraza hama ngo hari amahoro ...........Imana yaravumye abarundi bamwe bamwe kweri kandi abo nabahoze mwishamba ntabandi
12 Ntwarante 2015, 17:15, par narambejacques
Ndahojeje umuryango wabuze nongera nterivyatsi izonkozi zikibi!mubo ntibatubwiye uyomuntu nizina ryiwe twe turinyuma yigihugu wosanga ari namwene wacu!ntitubimenye?
13 Ntwarante 2015, 08:20, par Alex
Ewe ntabwo ar’Uburundi gusa nisi yose.
Ejobundi muri retazunzubumwe zamerica
Umusuma yivye umuntu ariko arakurikirana amakuru.
Live media zikoranye.
Uburundi ntibwavumwe havumwe ababikora.
Nabobose bakwgera abarundi mukaga.
Imana.
14 Ntwarante 2015, 06:09, par Nuwera
Ivyomwakinogihe ntibiba ngaha Burundi gusa ngira Alex yabaciye kumayange, abavumwe bakwiye kwisubirako nabakora amabi nkayo, nayo igihugu nticavumwe, abaswahili bavugango; Dunia siyombaya watuniwo wabaya.
14 Ntwarante 2015, 06:30, par Nuwera
Ariko rero harihikintu ngombanisabire reta na polisi (abajejwe umutwekano Burundi) rekampere kuri reta: aboba polisi mugerageze mubaronderere ibintubibafasha gukora communication kirumu polisi aba afise radio. Kuba polisi: nibamara kuroswa izo radio igihecose uhagaritse umuntu canke wirutse kumuntu imbere yogutangura kubikora banza ubomenyeshe kuri base maze abandi ba polisi bamenyeko hariho ikintu gitokeye muriyo micungararo bagabe ekambere batangure nokurondera uburyo bokubahafi. Vyokorwagute? umu polisi abonye umuntu afise ipikipiki itagira plake akamuhangarika imbere yogutangura kumubaza ivyoyemererwa namategeko abagenga nukubanza kumenyesha kuri base atindahagatitse umuntu ndamwiketseko yobariko aratwara ipikipiki itagira plake ubworero uraheza ukavuga nahuri ahariho noneho ushobora gusanga plake kwabaye kumutakarana canke ugasanga yariyakanyishije, munyumarero uhejeje ugacawongera ukabwira abokuri baze atingarangije nsanze bishoboka ko yobayamutakaranye atinamubwiye azogende kubabijejwe bamutunganirize atayoyigeze agiranaho nubundi akamurungika ahobazomutunganiriza aramande namande arimpanuro bakazimuha bobobarazi amategeko bagenderako. Ndabasavye kandi ndabisubiye gerageza muzemurajana nibihe tugezemwo, binadamu wamegewuka wamekuwa kama wanyama hayoyote nimachafuko yamwovu, hawowote wamefanya hayo wamekuwa namajina ya John,s yaki kristo na majina yawa Mussa wawa Islamu.
22 Gitugutu 2016, 14:27, par nibitanga jeackson
jewe ico mbona nuko hosubizwaho igihano cogupfa kuwishe umuntu
25 Rusama 2017, 20:36, par Ndayikeza Pacifique
Mbanje Guhoza Imiryango Yose Igenda Ibura Ababo Abasenzi Nimuze Duhaguruke Dusenge Kuko Tugeze Mugihe Canyuma!