IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Umuririmvyi karuhariwe mu mudiho wa Zouk yashitse i Bujumbura mu (...)

Umuririmvyi karuhariwe mu mudiho wa Zouk yashitse i Bujumbura mu biteramo

jeudi 24 Mukakaro 2014

Umuririmvyi akomoka mw’izinga rya Mayotte mu gihugu c’Ubufaransa azwi kw’izina rya Bedja azokwitaba igiteramo categuwe n’insamirizi y’imicokama (Radio Culture) ifadikanije na bamwe mu baririmvyi b’Abarundi. Ni mu ntumbero yo gushira mu ngiro imwe mu migabo n’imigambi insamirizi yiyemeje.

Bedja umuririmvyi karuhariwe mu mudiho wa Zouk azokwitaba ibiteramo bibiri azoremesha mu Burundi. Azokwakirwa yongere afashanye n’abaririmvyi b’Abarundi bavuza umudiho wa Zouk. Abo ni Rally Jo, Happy Famba, Black J na Natasha.

Munezero Lawrence arongoye insamirizi y’imicokama, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, yamenyesheje ko ari mu ntumbero imwe mu nkingi z’insamirizi, arikwo kugarukira akaranga k’Uburundi mu Burundi no hanze y’igihugu, biciye mu bikorwa vy’abaririmvyi. Bimwe mu bibazo yabajijwe harimwo kumenya igituma batumako abaririmvyi bo mu makungu kandi hari Abarundi boshobora kugirisha ibiteramo nk’ivyo. Lawrence yishuye ko babigira mu ntumbero yo kurahura ubwenge ku bandi, n’ukwereka abanyamahanga ko mu Burundi hariho abaririmvyi bafise ico bashoboye. Ntaco yamenyesheje ku bijanye n’uburyo abaririmvyi bazohabwa mu gihe bimaze kwibonekeza ko iyo haje abaririmvyi bavuye hanze baronswa amahera menshi gusumba Abarundi.

JPEG - 49 ko
urupapuro ntangazagiteramo

Happy Famba, umwe mu bazofashanya n’umuririmvyi Bedja, amenyesha ko azogira ico amwigiyeko kandi nawe nyene arafise ivyo azomwereka kuko naho bose bavuza mu mudiho wa Zouk hari ivyo batandukaniyeko.

Igiteramo ca mbere kizoba kw’igenekerezo ya 29 Myandagaro kuri club du Lac Tanganyika, kwinjira ni 10.000 vy’amarundi, Bedja azoba ari kumwe n’umuririmvyikazi Natasha. Ikindi giteramo kizoba kw’igenekerezo rya 30 Myandagaro, kwinjira ni 2000 kuri Musee Vivant, Bedja azoba ari kumwe na Happy Famba, Rally Jo, na Black J.

Mwomenya ko uwo mugambi w’insamirizi y’imicokama uzofasha abaririmvyi b’Abarundi kuja mu bindi bihugu kugirisha ibiteramo. Nk’uko Lawrence Munezero abivuga, hashobora kuzoca hatangura abo bazokwakira Bedja.

JPEG - 61.5 ko
Umuririmvyi Bedja azoza mu Burundi

Umviriza rumwe mu ndirimbo zo mu mudiho wa Zouk z’umuririmvyi Bedja


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Je Nibaza Ko Hatari Hageze Umwanya Wa Zouk Ahubwo Kunwanisha Abarundi!Twebw Urwaruka Turbaza Uburundi Koko Bwarikukiy?Bwarahaw Amasezerano Y’ubumwe?Democratie Yarasinyw?Bande Babonye Ivyo Canke Kimwe Mw’ivyo Mbibarize?Mfis Imyaka 18 Murakoze!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.