Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umurizo wiwe utuma abantu bamufata nk’ikimana cabo
Umurizo wiwe utuma abantu bamufata nk’ikimana cabo
lundi 10 Ruhuhuma 2014
Umugabo avuka mu gihugu c’Ubuhindi yavutse nk’abandi bose, ariko uko akura niko umurizo yavukanye nawo uguma ukura ukamera nk’uw’inkende. Abantu bo mw’ico gihugu bamubonamwo ikimana cabo.

Chandre Oraon afise umurizo nk’uw’inkende ufise uburebure bungana centimetero 36. Kuva akiri muto, yagumye abona mw’ifyinga ryiwe hakura ubwoya nawe arabureka none ku myaka 35, afise bwacitse umurizo. Mu gihugu c’Ubuhindi afatwa nk’ikimana kuko bamugereranya n’inkende yitwa Hanouma ifatwa nk’imana ikingira amagara y’abana indwara kandi imana y’umunezero ku nzoya.
Chandre rero abantu benshi bava mu mihingo itandukanye yo mu Buhidi baraza kumwitura kugira ahezagire abana kandi yongere atanga imihezagiro mu gukora kuri uwo murizo. Ico gitangaza c’umugabo amenyesha ko bamutera ingorane kuko bamutesha umwanya yo kwiyamurira agahawa nk’abandi banyagihugu kuko abo baza kumurondera nta n’ifaranga bamuha.
Chérif Nkeshimana
Messages
10 Ruhuhuma 2014, 12:55, par clay
nyomba ari urusigo
20 Ruhuhuma 2014, 14:54
ni danger kweli
10 Ndamukiza 2016, 19:56, par Renovat
Akwiye Kwiyahura
24 Ndamukiza 2016, 22:03, par BOSCO
NONEUWOMUROMWOSHOBORAKUWUTWEREKA
1er Rusama 2016, 21:00, par NGAMU
ABO BAMURONDERA
NTIBAZI IMANA KUKO
ATAKINDI GITANA
UMUGISHA ATARI
MANA