IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Général Major Gaciyubwenge ahamagarira abasirikare gukora ataho (...)

Général Major Gaciyubwenge ahamagarira abasirikare gukora ataho bahengamiye

mercredi 25 Ntwarante 2015, par IGIHE

Umushikiranganji w’ukwivuna abansi, Général Major Ponsiyano Gaciyubwenge ahamagarira abasirikare gukora bisunze amategeko mu matora, akabasaba kwirinda agasotorano n’uguhengama.

Mu gihe hasigaye amezi abiri gusa kugira amatora abe mu Burundi, umushikiranganji wo kwivuna abansi Général Major Ponsiyano Gaciyubwenge yibukije ibintu bimwe bimwe bitegerezwa kuranga umusirikare wese.
Yibukije ko inzego z’umutekano zitegerezwa kwubahiriza aho abarundi bashize mu gushaka kubana mu mahoro, mu mutekano no mu butandukane bwabo.
Intwazangabo itegerezwa kwigisha abo irongoye kwama na ntaryo bisunga amategeko muvyo bakora vyose.
Yabibukije kandi ko inzego z’umutekano zitegerezwa gukorera abarundi bose, zikirinda ivyo vyose bishobora kubatwara mu migumuko, canke kubakwegera mu nyungu z’abanyeporitike aba na bariya, mu ntumbero yo gushika kuvyo bipfuza, abasaba gukorera bose ataho bahengamiye, kuko ivyo vyoza bicapfuza izo nzego za gisirikare.
Ariko rero, kubwa Général Major Ponsiyano Gaciyubwenge, kutagira aho uhengamiye ntibisigura ko udashobora gufata ingingo.

Ivyo umushikiranganji wo kwivuna abansi Général Major Ponsiyano Gaciyubwenge akaba yabishikirije kuri uno wa kabiri, mu kigo ISCAM, igihe iyo kaminuza yari iramutse yugurura icese umwaka w’ishure w’2014-2015.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.