Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ntawuzi ikirindiriye umushingwamanza Rufyikiri, inyuma yogusohoka urubanza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ntawuzi ikirindiriye umushingwamanza Rufyikiri, inyuma yogusohoka urubanza (...)

Ntawuzi ikirindiriye umushingwamanza Rufyikiri, inyuma yogusohoka urubanza rudaheze

lundi 20 Nzero 2014

Umushingwamanza Isidore Rufyikiri arongoye urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura yarengutse mu butungane, aho yagirizwa amajambo yavugiye mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, ayo majambo akaba yafashwe nko kugumura abanyagihugu n’ukugarariza inzego.

Igihe c’isaha y’icenda ibura iminota itanu, abacamanza bari kumwe n’uwuburanira Reta bakaba ariho bashika, bamaze kumenya imyidondoro y’ababuranira umushingwamanza Rufyikiri, bakaba babajije igituma ariko aburanirwa n’abashingwamanza bane, ndetse harimwo n’umunyamahanga umwe. Ivyo bikaba vyateye impari ndende, ndetse umushingwamanza Rufyikiri ahava arabaza igituma babaza ico kibazo uyu munsi, mu gihe atari rimwe canke kabiri umuntu aburanirwa n’abashingwamanza barenze umwe, eka noneho bikaba bitabujijwe ko umuntu aburanirwa n’umunyamahanga, mu gihe asanzwe ari umushingwamanza nk’uko yabandanije abivuga.

Ababuranira umukuru w’urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura bari kumwe n’uwo baburanira, bakaba baciye basohoka, bata urubanza hagati. Bavuga ko bakubiswe n’inkuba babonye uburyo bariko barankirwa kuburanira Rufyikiri bitwaje ko barenga umwe. Ibijanye n’ukwo yariko aburanirwa n’umunyamahanga vyemewe, ariko ibijanye n’uko yariko aburanirwa n’abarenga bane baguma babiharirako. Niho umushingwamanza Richard Kazadi arongoye urwego rw’abashingwamanza b’i Kinshasa, hamwe n’amashirahamwe 164 y’abashingwamanza bavuga ururimi rw’igifaransa yasaba ko yohabwa umwanya kugira ashobore kwiga ivyo uwo aburanira yagirizwa, bakaba banse kuko bo bavuze ko bahawe iminsi umunani, iyo nayo, ikaba yari yararenze.

Ivyo rero bikaba ari vyo vyabaye intandaro yo guca bakura meza, baca basohoka bavuga ko ibwirizwa nshingiro n’amategeko yose Uburundi bwateweko umukono yahonyanzwe atacamira. Ababuranira Isidore Rufyikiri bakavuga ko bagiye kurindira ibizokurikira. Bibaza ko ubutungane bugiye kwisubirako, babatumeko, urubanza rube hakurikijwe amategeko, canke ubutungane bumureke kuko na kare ahorwa ubusa nk’uko umwe mu bamuburanira yabimenyesheje.

Naho rero ababuranira Rufyikiri bari hanze, muri sentare urubanza rukaba rwariko rurabandanya, ndetse amajambo Rufyikiri yavugiye mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, aho yasavye umukuru w’igihugu guhagurukira ikibazo c’imbonerakure, n’ukwitondera ibijanye n’ihindurwa ry’ibwirizwa nshingiro, vyaciye bishirwa mu majwi abari aho baravyumviriza. Sentare ikaba yaciye imenyesha ko igiye kuzosoma urubanza, ariko umunsi ntiwamenyekanye.

Tukaba twobamenyesha ko hari isinzi ry’abashingwamanza b’abarundi bashika 350, abaje bava hanze y’Uburundi nk’abo mu karere k’Afrika y’Ubuseruko, abava mu gihugu c’Urwanda, Kongo Kinshasa, Zambia, Tanzaniya, Uganda, Canada, n’abashingwamanza batagira imbibe.


Aristide Nizigire

Messages

  • None aho Leta y’uburundi ntiyiboneye ko naho yorara iramugirira nabi gute namahanga ko abona amanyanga Leta y’uburundi iriko irakora hinge ahagarike imfashanyo murabe ko naya mukoresha mukurementanya ko muyaronka «wait and see» ndanshimiye ivyo bihugu vyarungitse abashingwamanza bavyo gunshigikira iyo nzirakarengane y’uburundi ,mukomere kwibanga kandi mumugwinyuma ,RUREMA izabahemba ,nawe Leta y’uburundi mumenye ko «uheza kugoka ibigori bikera»
    Bantu mujejwe ubuntungane ndabasavye mwikubite agashi mukorere igihugu nayo amaronko arahera nivyicaro birahera ,nimurabire akarorero kurya Audifax yahoze mwi perereza ku ntwaro ya FRODEBU kare yarakomeye kubwumubiri nkamwebwe ubu ahirwa buhongo namwe burakeye ntibitevye kumpeshi abo babatuma ntibazobaraba niryahumye.

  • Nibamureke Yikorere Akazikiwe Kuko Bamuhora Ubusa Kuko Turamenyereye Ngaha Iwacu Uvuze Ukuri Ko Ucuba Umwasi Wubutegetsi.

  • amatwi adusumira aramenyeshako cndd ishaka kwigizayo abatutsi b’incabwenge kugirango atware gushika apfuye

  • rufyikiriri we arabanikiye sha, umuntu wumva yari ashigikiwe n’abashingwamanza 350 hamwe n’abandi isinzi bavuye hanze. nibamureke kuko ivyo yavuze nivyo.imbonerakure ziratubangamiye. twebwe mu kayanza ntawukivuga, zirakubita zikagusiga uri intere

  • ariko kuki mudasoma ibinyamakuru shaaaa??????? murabona muzatera imbere gute??? ariko internet irazimbye. mais abasomyi namwe nimutubarire ico mwiyumviriye ku nkuru muba mwasomye ngaha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.