IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abasuma bafatanywe inkoho bavuga ko bayikose ku musirikare

Abasuma bafatanywe inkoho bavuga ko bayikose ku musirikare

mardi 16 Nyakanga 2014

N’ubu ntawuramenya namba abasuma bafatanywe inkoho bariko bariba mu ntara ya Rutana yoba vy’ukuri yakoswe amafaranga canke namba yoba yari yibanywe umusirikare mu ntara ya Gitega.

Ivyo ni bimwe mu vyibazwa n’abanyagihugu bo mu ntara ya Rutana, inyuma yaho abasuma bane bafatiwe bafise inkoho yo mu bwoko bwa Kalachnikov, bahejeje kwiba ku misozi ya Giharo na Kinyinya. Abo basuma baheje gufatwa bakavuga ko iyo nkoho bayihawe n’umusirikare w’igihugu bamaze kumuha amafaranga ibihumbi 50, ariko ayandi makuru nayo akavuga ko abo basuma bivye iyo nkoho mu ntara ya Gitega. Abo basuma kugeza ubu bakaba bari mu minwe y’igiporisi aho bariko barabazwa. Abo abanyagihugu bakavuga ko ukuri kwoja ahabona, kugira hamwe boba bahawe inkoho n’uwo musirikare aze ahanwe, canke namba abo basuma aribo bayivye naho bahanwe naho nyene bimwe vy’akarorero.

Mukamenya ko iyo nkoho ije ikurikira izindi zibiri bivugwa ko zibwe abaporisi bo mu ntara ya Kayanza.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.