IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umuvugizi w’igisirikare amenyesha ko 12 mu bagize igitero bishwe

Umuvugizi w’igisirikare amenyesha ko 12 mu bagize igitero bishwe

vendredi 11 Kigarama 2015

Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi Colonel Gaspard Baratuza amenyesha ko 12 mu bagize ibitero mw’ijoro ryo kuri uno wa kane igenekerezo rya 10 Kigarama 2015 ku makambi y’abasirikare bitavye Imana abandi 21 barafatwa.

Mu kiganiro yahaye iradiyo y’igihugu Gaspard Baratuza yavuze ko abagize igitero muri zone ya Musaga yo muri komine Muha na zone Ngagara yo muri Komine Ntahangwa boba bari bafise intumbero yo gutora ibikoresho vya gisirikare vyo gukoresha mu ntambara nk’inkoho n’amasase.

Colonel Gaspard Baratuza yavuze ko ku ruhande rwa gisirikare ata numwe yitavye Imana,ariko ko hari batanu bakomeretse harimwo abababaye ubu bariko bavurigwa mu bitaro biri mu gisagara ca Bujumbura.

Hejuru y’abapfuye n’abafashwe mu bagize ivyo bitero,Colonel Gaspard Baratuza yavuze ko inkoho nyinshi n’amasase menshi navyo vyafashwe n’abajejewe umutekano.

Umuvugizi w’igisirikare arangiza ashimira abasirikare ku butwari no kwisunga ubuhinga bakoresheje mu kurwanya abansi bateye amakambi.

Mwomenya ko ivyo bitero vyabaye kuva nk’igihe c’isaha umunani z’ijoro ryo kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 11 Kigarama 2015.


Van Naris Mugisha

Messages

  • ububeshi bwawe turabumenyereye abana bacu bahahereye imana izobahorera mukomeze mutwicishirize abana ngo bariko bararwanira kandi igihugu arimwe mwagitaye mumagume kubera kutubahiriza arushya n’ibwirzwashingiro ry’ u ’burundi

  • ububeshi bwawe turabumenyereye abana bacu bahahereye imana izobahorera mukomeze mutwicishirize abana ngo bariko bararwanira kandi igihugu arimwe mwagitaye mumagume kubera kutubahiriza arushya n’ibwirzwashingiro ry’ u ’burundi

  • Abashaka Kudutamumanga Nibateshwebate Imana Iratubona Twebe Abarundi !

  • None gayemwe,ko bavuga ngo umutekano niwose!abo batera bava he? Ntamutekano uri mu Burundi..Ahubwo duseng-Imana idutabare!

  • None Abarundi Tuzoruhuka Ryari?Mana Tabara Igihu Cawe

  • Ese mwavuzeko arimwe mwapfuye basanze muryamye barabica none gayemwe muravuga batanu bakomeretse nabo nuko badafise iradiyo ngo babavuguruze.

  • IZO NTARI Z UBURUNDI ZIRIKO ZIZIRA NDE?EMA MASEZERANO YA ARUSHA ARAKADUKORE DUSUBIRE MUNTAMBARA KANDI?MANA TABARA

  • ikibabaje sintambara nabanyagihugu bariko barahona ataco bazira.emwe ururundi ntibukiri ubwantare ubu ntinku bwarambo,.mana kiza abawe!!

  • Mur’INGABO za YESU koko MUr’INGABO ha aho BASHA mwaberetse ko MURI INTAVOGERWA umwana amenya ko urwenbe yakinishije rwari rukarishe iyo rumukevye

  • Ese none ntabwo baraheza kubafata? Ko nguma nunva urwamo rwinshi rwamasasu? Mbega nikuki? Bagumije bugaye amabarabara nabana bamwebamwe batagiye gukora ibibazo bahise babasubiza inyuma.

  • Hahaaa Uburund Burakwiy Amashimw Vrm Guko Buraz Kugwana Igitangazi Nuko Bagwana Nabafise Inkoho Zikomeye Gusa Ariko Muri Musi Bo Ntibapfe Nibaza Kwari Lobo Nazone Esprit Zirahe

  • Ahubwo rero ivyo vyugupfunga muze murabireka mugigwako izombwebwe mufata mumena izontumva

  • Ahubwo rero ivyo vyugupfunga muze murabireka mugigwako izombwebwe mufata mumena izontumva

  • Birabaje kandi birateya agahinda kumava muntu byitwa uvugira igisirikara uvaga babavutiye umunti ukamenga abarashwe sabantu nkaho umenga ninyamaswa zapfu yego nibyiza kuba bigamba namukungu yumva bitebe bitebuke ikinyoma kizoja ahabona. Nibyibyama amatohoza arabandanya nkuko babivuga misiyose nkahumenga ntibazi ababikora kuvuga meshi siko kuyamara

  • arik webogutera uryamye bakwiteguye!hasigay ngo 12.Ngo nawentanumwe!!!!bamubesheriyo babamongoyemwo namwe.!?

  • Abarundi Turacafise Imana Idukunda Kandi Igiye Kudutabara Vuba.

  • Basha Reka Bawunywentibumva Igisirikare Cu Burundi Ntikicigiswakurasa Komere Ntwaramiheto Tubarinyuma Abomwafashe Mwabavugiyiki Kandi Muziyomubabika Ijontumvazitumwananyangoma Kubitiyomihimbiri Abasigayenibareke Nayahandi Barahera

  • AHUBWO NIMUSENGE .IYABAREMYE.NAHANDI.UBURUNDI.BUBAYE.NKU.BWAFARAWO.NI MWASENGA.NTAKINANIRA.IMANA.

  • Ico nobwira mwe musoma ibi vyanditswe nuko Ihonya bwoko ribandanya. Ntakindi.
    Mwe mwumva ko hari abotera amakambi ngo bagiye gutora ibigwanisho. Atavyo bafise ntangwano botera. Ni ivyitwazo ngo bice abatutsi mu ma Kambi be no mu ma quartiers. Namwe mubaze neza, muramenya ko aba officiers b ’abatutsi baraye bishwe hirya no hino mu gisagara. nukobimeze. aba civils nabo police ibandanya ibaniga, c’est tout. Tubandanye turorera génocide.

  • Izo mbunda bakoresheje nizo BIHOZAGARA yatwaye i BURUNDI. Gusa barashira ba SINDUMUJA. Mutegereze murebe uko bizarangira. Bazapfa nibigeraho kagame ubohereza nawe intambara imugereho kandi azakocorwa kuburyo azannya mumapantalo.

  • Aho ntibari kureka gukora kubera hari muhira iwabo ahandi kwataco bakora

  • Hakuna kurara, twebwe abajejwe umutekano bacu bu Burundi hagize uwicwa ntacotuma tutavuga koyishwe narurya amakungu yamaze kubonako abobatera ari aba terrorist / abiyahuzi ntakunturero woreka kuvuga umwiyahuzi koyaguhekuye. Basirikare bacucu cakira inzonjavyi"

  • Umwuga mubi ni politike umwuga wububeshi ubugizi bwa nabi ubusuma nibindi barahemukiye igihugu kandi bararahiye bose ntibashaka ineza yabarundi hama leta naba oposants babo ndetse nabo bigira ngontaho bahagaze nibareke gukina namaraso yumuntu

  • Eka!!Ntamaho Ari Muburundi!"ziguruka Zose Muga Zikaribwa Kumazina Kandi Ayamaraso Ahaye Aseseka Haha!Hariho Abazoyabazwa! Amen Mana Urampa Iherez Ryiza

  • Izonterahamwe mwarungitse kwica abo banyeshuri bomuri isikamu mwibaza yuko vyose bitamenyekanye urukino mwakinye Imana ibahangaze kukko îvyo mukora Imana yonyene niyo izi icizokora kuko ivyo mukora birateye ubwoba nisoni

  • Izonterahamwe mwarungitse kwica abo banyeshuri bomuri isikamu mwibaza yuko vyose bitamenyekanye urukino mwakinye Imana ibahangaze kukko îvyo mukora Imana yonyene niyo izi icizokora kuko ivyo mukora birateye ubwoba nisoni

  • Abakristo dushishikare gusengera igihugu cacu.

  • Turashimirg Igisirikare C,uburundi Kubwitonzi Nubukeretsi Bafise Mukurwanya Abansi Ab,aribobose Turabashimiye Kuryikorwa Bakoze Muririjoro Ryakeye Muzohorane Ubwobutwari Murakoze.

  • Uyumugabo Atey Amakenga Ntakuntu Yovuga Ngohapfuy Cuminababiri Gusa,ngoboba Bashka Mirongo Itanu Gusa Hm Mwunva Bohagarika Imitima Igisagara Cos

  • Non iyohabay ibtero hapfa abarwany gusa ntabareta nab bapfa?ko muduhuma amaso!!

  • birababaje kubona abanu bapfa burimuns, gusa ico bose barwanira ni kimwe. kandi kirahenze.bizohera nakitagira iherezo.bozopfa babisige.!

  • birababaje kubona abanu bapfa burimuns, gusa ico bose barwanira ni kimwe. kandi kirahenze.bizohera nakitagira iherezo.bozopfa babisige.!

  • barundi benewaci nahobimezuku nimuze dusenge kuko imana irafise amasezerano k uburundi

  • Baribesha Nibemere Bafashwe Bahorabaririmbangobahinyanyure Bazohavabasanga Aribobihinyanyuye Izonyasi

  • Mwebwe Mwebwe Muriko Muronona Igihugu Cabibarutse Ndababwire Mwese Ngomuzoherera Kuba Abaprezida Nkundirara Ndabahanure Umuntu Abaye Prezida Imana Ibayemeye Koaba Prezida Naho Mutoba Umutekano Nimwiyumvire Mubireke Ushaka Gutwara Igihugu Ubicisha Mumatora Hanyuma Uwutowe Ukamwubaha Kandi Ukamwubahiriza"wanseivyo Urapfa Usize Igihugu Abandi.........Heraheza....

  • Raba Mugire Ico Muhinduye Kuko Abarundi Twarushe.Mwibuke Ko Ibihe Turimwo Atarivyo Twaritwiteze

  • ABOBATEYEIKAMBIABAYITEYEBAKORESHEJEAMABOKOKUVUGAKOBARIBAJEGUTORAINKOHO

  • EWE RWARUKA RW I.BURUNDI TWARAGOWE AHORERO MURFUYE ARIKOBENE KUBATUMA BIRARAMIYEHANZE REKANDABITUM I BABWIRE ATI BASHINGE KAMPUNI BADUHE AKAZI HAKO BADUHA INKOHO NZOKUTUMARA

  • Amatwi Y’ihene Yumva Yokeje!Ururimi Bumva Nugwonyene Akataraza Kari Munyuma Bataretse.Hari Uwuvuze Ngo Igisirikare Ntikikavugeko Cabanywesheje Umuti.Eh,none Bavuge Ngwiki?Ushaka Urupfu Usoma Intare!Batagejeje Aho Kazi Yao

  • Mbeko Muvugako Baribajekwica Abatutsi Bari Bande??? Canke Hoba Hapfabatutsi Gusa??Mbwirasha!!Urarabeneza Ntub Urimwo.

  • Icombona hakwiye ukuri. Bagaheba ibinyoma. Abantu33 botera amakambi3 yose. Ahoharimwo?. Murakoze. Nimuvyigeko.

  • we Kocora, nterahamwe; Kagame umuzanye ute mu bibazio byi Burundi?
    Ahubwo Interahamwe nizo zifite inyungu mu kavuyo kiburundi.

  • Mon Col.izombwa reka tuzivugutire umuti nimba bibaza ngo ni cagipolice bagira kwikirimbiro.ko badusotoye reka tubahongore nabacitse nuko bahungiye mubiwabo kumusaga haraho bwogaruka tukaburigata.nuko haramazu menshi bwikinga ahandiho ntanuwari kubara inkuru.

  • Mutama Wacu Komera,tubarize Ubwobunyenzi Igihe Bwogarukira Twasigaranye Umunoho Kuko Twashaka Tuzobucumbire Uwibigori Canke Intete Nivyo Bukunda Mugabo Bwari Bworoshe Gutabira.Cenared Ibusuka Tubusuka Kumacuniro.

  • Abajejwe umutekano bu Burundi vyakavuzwekera komuri babitumako nizereko uwutaribwavyemere muramwemeje murashoboye. Hanyuma ndasavye kowoza muratubwira aho aboba terrorist bababaribasanzwe baba, arabarundi bahunze bagaruka guteroriza abasigaye tukabimenya, arabarundi bahendwa nabibereye Bulaya ngobaterorize uburundi tubimenye, arabanyadwanda tubimenye>

  • ineza izokwa itsinda inabi.n’a new e umwegihugu ntifuzaguhunga igihugucanje mvuganti umwasinatuzwe iyazananahose ntaronke ahamenera.kuko umwasi wuburundi numurundi.

  • Abobagesera Baguma Badukwegera Mungorane Kandi Twari Twibereye Mumahoro,imana Iakwiye Kubaha Igihano Kibakwiye.Turabasavye,nivyabangombwa Muradutumako Tuze Dufashanye Guhasha Uwomwansi Wamahoro.Jewe Ndi Umu Demobe Yiyemera Wo Mukirundo Gitobe.Ramba-komera.Imana Ibahezagire Murakoze.

  • twerek amafot yab mwafash

  • a mr le colonnel guma ku nkizo y’umutekano we!!

  • Hari ikidayimoni cateye aba bavugizi babiri c’ububeshi bakivugira ibinyoma ataco binona ariko mugiye guhinyuka kuko imisi y’igisuma ni 40. Ibara ryaraye riguye cane cane mu Nyakabiga na Jabe, barya bari abarwanyi bateye amakambi ? Ko mutabiciye imbere y’amakambi mukabasanga mu nzu mukabarasa,bamwe bamwe bari barambaraye ku mabarabara yo mu Nyakabiga? Ayo mabi mukoreye abanyagihugu muzoyabazwa, ayo maraso na yo azobahumira !

  • Ibyo Gaspard arikuvuga nikinyoma cyambaye ubusa,kuva abantu batangira gupfa haraho barigera bavuga ababo bapfuye,mureke mumasaha make turumva ababo bahasize ubuzima.murakoze.

  • Mukomere kw ibanga mukurwany abo bansi b igihugu Imana nayo irikumwe namwe izabonger inkomezi.

  • Tuzobamesura Pe Ama Omo Nkurunz Peter Yarayaduhay Arakwiy

  • @Tuze (ikihebe sindumuja) . Kagire inkuru none abo ba officier b’abatutsi nimwe mwabagandaguye mubahora ko banze kuba ba Sindumuja (Extremistes tutsi-sans echecs)

  • Ha Yemwe Uburundi Burikwije Yemwe! Abo Bansi Bigihugu Ni Mubakuremwo Amakuru Hama Mubice Ntakindi Ndumurundi Ndarivuze.

  • Haaaaa Ivyiburundi Biragoye None Tuzova Muntambara Ryari Abagize Reta Nibarabe Bunvikane Nabobatavuga Rumwe Twebatobatotwironkere Amahoro Kuko Bobo Nububovakubutegetsi Bocabihungira YESU CHRISTO UMWAMIWACU ADUFASHE.

  • Igihe cyose Abarundi mutarumva ko ikibazo cyanyu arimwe kireba kandi mukamenya ko mwese Uburundi mubusangiye,ntabwo muzava mu bibazo murimo.Ikindi kandi mureke kuguma mwiteranya n’abaturanyi banyu kuko nta nyungu nimwe bafite yo kubona ibyago m’Uburundi.Icyatuma mugira amahoro twese cyadushimisha kuko iyi si twese turi abagenzi niyo mpamvu mukwiye kwicara buri wese akaemya ko ubuzima bw’undi bufite agaciro.Mwikomeza kwicana mufata ubuzima bw’abana b’Abaundi nk’ubuzima urunyegeri abantu bakandagira uko bashatse.Imana ibibashoboze

  • MANA KIZA ABANA BAWE BUBURUNDI BARIKO BARICWA NKINYAMASWA BICWA NAB BITOREY NGO BABARONGORE.MANA GIRIKIGONGWE.KUBONA COLONEL AVUG IBINYOMA IMINS YOSE AFATA ABANTU AKABAGUZA N-AMAHER BIRATEY AGAHINDA MANA MUHE UGUHINDUKA.COL BARATUZA AYO MARASO MURIKO MURASESA MUBANZA GUHUNGISHA IMIRYANGO YANYU Comme Gaston Sindimwo Azoharugwa Kugatw Kanyu.Mb Ah Uvuga Ngo Ntamusirikar Yapfuye Bagutway Ibigwanisho Atabasirikar Bapfuye?Ayo Marira Abarundi Mwaray Muhekuy Barik Bararira Imana Irayumva,kandi Umeny Naw Yuko Uzopfa.Mbe Wew Waremye Abantu Bangahe?Weh Wariremye?
    MANA GIR-IKOGONGWE.

  • Jye ndumiwe ubundi abatera umujyi wa bujumbura baturuka hehe
    Bajya kugera mu Bigo byanyu murihehe?
    Mwavuze ko mushimira abica abaturage, murwana na baringa se?
    Murwana na nadekoko?
    Mwice amaherezo muzabyishyura Imana ntizemera abana bayo bicwa nta
    nkurikizi zirimo. Imana yaravuze ngo mporera abana gukiranuka kwa base, kandi ngo president wanyu ngo nu Munyamwuka la, Munsubize nimana niyo yamutumwe kwica abantu yaremye?
    Cyangwa n’imyuka munsengasha, mukayitiranya n’umwuka wera?
    Ngo muzabamenyera ku mbuto zabo bazaba batandukanye n’abi isi? abanyamwuka uwabashaka yabashakira mu BUNDI kwere ndumiwe rwose.
    Gusa mana watabaye uburundi ko mbona UN na AU na EAC bose batereye agati mwuryinyo bizagenda gute uwo mwanzi utagira aho atera aturuka sa abaturage mwicango mwishe abasirikare. Ibyo byaba arubugwari rwose. Nkurunziza wabujije ingabo zawe kwica inzirakarengane, mugihe kiza muzabiryozwa se? Mbese wakoreye abaturage, Ubanze wibaze uti, mbese ibyo ngiye gukorera aba mbikorewe byanshimisha? nubona bitagushimisha ubireke, niba ibyo utabizi rero ukamanuka ukajya gusenga urishyiraho umuriro reka imana izabikubaza wenda ISI yo uzayiheza ariko se imana uzayiheza la? Tinya imana ureke abanya politike bagenzi bawe kuko nta kiza cy’abanya politike rwose

  • izi nitwa jonasi kuriyo nku abaribagize ico gitero nibande

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.