IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umuvugizi wa Al Shabaab yishwe

Umuvugizi wa Al Shabaab yishwe

lundi 10 Ntwarante 2014

Umuvugizi w’abarwanyi bari mu muhari wa al Shabaab Ali Dheere yoba yishwe n’igisirikare ca Kenya, mu migwano yabaye hagati y’abo basirikare n’izo ntagondwa mu Bumanuko bwa Somaliya.

Urupfu rwa Ali Dheere rero, akaba ari icika ry’umutwe wa al shabaab, umuhari wamuka kuri al qaeda w’iterabwoba. Uwo muvugizi rero, akaba yari ajejwe amabanga akomakomeye muri uyo muhari, kuko ari we yari ajejwe ibijanye n’ibikorwa vy’abarwanyi, ukubavugira, n’ugutegura ibitero bikomakomeye.

Muri aya mezi abiri arangiye, igisirikare ca Kenya, kikaba kimaze kwica abarwanyi atari bake bo muri uyo muhari w’iterabwoba gifashanije n’abandi basirikare bo muri AMISOM, ndetse n’ibirindiro bitandukanye vy’abo bagizi ba nabi bikaba vyaradometswe, abo barwanyi barata barahunga.

Tukabamenyesha ko, mu ntango y’iyi ndwi twaraye turangiye, abarwanyi 37 kandi harimwo abakomakomeye bo muri uyo muhari w’iterabwoba wa al shaabab bishwe mu mirwano yagiye iraduka aho mu gihugu ca Somaliya. Muri abo barwanyi, benshi akaba ari abakomanda b’abarwanyi.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.