Accueil > Amakuru > umutekano > Umuvugizi wa Al Shabaab yishwe
Umuvugizi wa Al Shabaab yishwe
lundi 10 Ntwarante 2014
Umuvugizi w’abarwanyi bari mu muhari wa al Shabaab Ali Dheere yoba yishwe n’igisirikare ca Kenya, mu migwano yabaye hagati y’abo basirikare n’izo ntagondwa mu Bumanuko bwa Somaliya.
Urupfu rwa Ali Dheere rero, akaba ari icika ry’umutwe wa al shabaab, umuhari wamuka kuri al qaeda w’iterabwoba. Uwo muvugizi rero, akaba yari ajejwe amabanga akomakomeye muri uyo muhari, kuko ari we yari ajejwe ibijanye n’ibikorwa vy’abarwanyi, ukubavugira, n’ugutegura ibitero bikomakomeye.

Muri aya mezi abiri arangiye, igisirikare ca Kenya, kikaba kimaze kwica abarwanyi atari bake bo muri uyo muhari w’iterabwoba gifashanije n’abandi basirikare bo muri AMISOM, ndetse n’ibirindiro bitandukanye vy’abo bagizi ba nabi bikaba vyaradometswe, abo barwanyi barata barahunga.
Tukabamenyesha ko, mu ntango y’iyi ndwi twaraye turangiye, abarwanyi 37 kandi harimwo abakomakomeye bo muri uyo muhari w’iterabwoba wa al shaabab bishwe mu mirwano yagiye iraduka aho mu gihugu ca Somaliya. Muri abo barwanyi, benshi akaba ari abakomanda b’abarwanyi.
Aristide Nizigire
Messages
10 Ntwarante 2014, 11:52, par NTIHEBUWAYO Isaî
NI bahonywe kuko barwana sans objectif kuko bahamagawe kenshi ntibumve ngo bazoruhuka bahoneje abo kwa CHRIST par contre nibo bazohona. Nabandi bose bigira intagondwa bumvireho, ntaho bishika nagato turetse mumahonero yo kwisi no mw’ijuru. Amen.
10 Ntwarante 2014, 15:42, par Kevin
Satani na mwiyegereze,kuko ntiyaronse umwanya wokwinshikanir Imana!
11 Ntwarante 2014, 13:41, par Sebastien
yemwe ntakundi none uwiyemeje kwica nawe ahitanwa nukwicwa. abahaya inguvu Uwiteka azobacisha bugufi.Nibasome" Inkuru za Goliati" bareke kwishimira ingufu .
17 Ntwarante 2014, 11:55, par blaise
Ivyo turabigusavyemuka twumvire