IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umwana wo mu mwaka w’9 yaguye mu myiyerekano co kimwe n’abandi (...)

Umwana wo mu mwaka w’9 yaguye mu myiyerekano co kimwe n’abandi 3

jeudi 7 Rusama 2015

Abantu bane nibo bitavye Imana bishwe mu myiyerekano, yaba mu gisagara ca Bujumbura no hagati mu gihugu.

Muri komine ya Kinama, Imbonerakure zitatu, zateye grenade mu bantu bari mu myiyerekano, abantu babiri baca baritaba Imana. Abo batewe iyo grenade, bagiriza abasoda ko batabakingiye, nayo abaporisi nabo bakabandanya gukorana n’Imbonerakure.

Izo mbonerakure zateye iyo grenade zaciye zikurikiranwa, imwe irafatwa, irakubitwa irashaya, abandi nabo bariruka barahunga. Izo mbonerakure zahungiye muri komine ya Cibitoke, zikaba zakurikiwe, mbere n’inzu yazo irasakwa, baca basangayo bimwe mu bikoresho vya gisirikare.

Muri komine ya Nyakabiga nahonyene, umuntu umwe yaturiwe, abanje kwicishwa amabuye. Uwo bivugwa ko ari Imbonerakure, yafashwe ari kumwe n’abandi babiri, bicaye mu kinogo mu bigo vya kaminuza y’Uburundi, baca bagirizwa ko ari Imbonerakure, kandi ko bazanywe na Kazungu asanzwe akorera urwego rw’igendereza.

Uwundi muntu umwe yishwe muri komine ya Gisozi. Uwo mwana yiga mu mwaka w’icenda kw’ishure rya Musivya, azwi kw’izina rya Nkurunziza Jean Bosco. Yishwe arashwe amasasu atatu. Uwurongoye igiporisi mu ntara ya Mwaro aravyemeza, ariko akavuga ko uwo mwana yarashwe, mu gihe abari mu myiyerekano bariko barasubizanya amasase n’abasoda. Abanyagihugu baho i Gisozi, bavuga ko igiporisi cavuze ivyo mu kumaramazwa n’ivyakozwe n’umwe mu bo bakorana, akica mwana ataco yazira. Amaziko akaba yatanguye gutegurwa na bamwe mu nuti z’uwo mwana yagandaguwe.

Mu mashirahamwe yahamagariye abarundi mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu, asaba ababayoboka kudasubira kwica umuntu bamuturiye, ko uwuzosubira kwica, azobibazwa ku gatwe kiwe. Abaporisi nabo basabwa kureka gukorana n’Imbonerakure. Gabriel Rufyiri yavuze ku bwayo mashirahamwe, akaba yasavye n’abaporisi co kimwe n’Imbonerakure kureka gusesa amaraso. Rufyiri akaba yaboneyo n’ukumenyesha ko, imibonano barimwo na Reya y’Uburundi bafashijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, bayihevye, kuko basanze ari uruhendo.


Aristide Nizigire

Messages

  • Wo menga aba sans échec bazutse, bagabo! Izo ni nka za sanamu zo muri 1993-2000!

  • NONE NKUYOMWANA YARIYAGIYE KUKORAIKI ABANDI BARIKWIGA URUMONYO MUKUPFA RURARA

  • yOOOOOOOOOOOOO ARIKO MANA NTIWOMUVUGIRAMWO NKURUNZIZA AGATANGA !!! .......tWEBWE ABARI MU MISOZI TUZOBA ABAND

  • Abutumije bose bitebebitebuke bazowunwasha, renarurya nivyobavuga kwarivyovyabatumye kugumuka ubuvyaraye bitomotse vyasebikunze buraca murarwota mpaka i La Hay urwomwifurije abandi ngirango muramaze kubona kwaringombwa rubaraririye ntaburyo nabumwe muzobikwepa kukovyaraye bibonekanye kwivyomwaharanira bwarubutamenya iyomwabamuzi ubwenge mubamwaciye mutangariza abomwagumuye mubabwirati hagarika iyomyiyerekano hasigaye ahamatora. Ariko iconzi kubabwira kujamwiyo migumuko vyaraboroheye ariko kuzobahagarika ntibizokunda ubunyene mwamazekwambara ibara, guturira abantu?

  • Ibi bintu hamwe vyoba vyarigeze kuba muri iki gihugu, bikaba bisubiye kugaruka, ndabonye ko bwa bundi abarundi tutari abantu, dusigaye turi inyamaswa. Kubona dushobora kwicana uku. None ga yemwe naho uyu muntu yoba afise ivyo bamwagiriza, mbega igihano babonye uyu muntu yohabwa ni ugukorerwa ibi bintu tubonye. None koko ababikoze ni abarwanya ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu. Jewe ico kiringo ntaco nshigikiye, ariko kandi sisnhigikikiye ububisha nk’ubu. Ndasavye abiyerekana hamwe boba badashigikiye ubu bubisha boshikiriza abasoda abantu bakoze ibi bintu bagashikirizwa ubutungane. Naho ubundi bitagenze uko urugamba muriko rurabananiye kandi mwagira murutsinde. Nta muntu yokwihanganira ububisha nk’ubu. Isi yose yariko iratahura igikorwa canyu, ariko none raba ibintu muriko murakora. Nimwikuremwo abaryambwa, hanyuma mubone kubandanya urugamba.

  • ico MINANI na RWASSA na MBONIMPA na LEONCE nabandi birikumwe barondera batanguye kubishikako batanguye guturira abahutu mbega CNDD-FDD naho mufise ivyo muyagiriza canke NKURUNZIZA mwotwereka aho yigeze iturira umuntu bunyamaswa abahutu murikumwe nabo bantu muharonkere icirwa nimwiyumvire ko ivyo mufatanije arivyo muhurijeko mwabonyeko abandi bafise ihindi ntumbero murahagabira nimuzohave musanga muri Ibikoresho vyuguturira bene wanyu

  • Mwabonye haphuye imbonerakure les 4 ministres baciye baza kuraba uwabobo yapfuye ndetse bavugana na kababaro kuwobabuze mbe ndababaze haraho mwabonye baserutse uko ari 4 kumusoda wigihugu yishwe? canke ko mukinama haphuye abari muri manifestation mwabonye bagiye? Ubu baratweretse kobashigikiye imbonerakure nigiporisi cica natwe tuzobereka kotutari abana nikazima mubitweretse nare kanatsinda itegurwa ryukwica abadashigikiye ikiringo ca 3 umushingwamanza wumubirigi mbenge mumvise koyabivuze mumakuru kori abadoki babimubwiye. Sha muragenda kandi mugenda nabi.Dusenga iyumva yomwijuru apana iyikuzimu.

  • Mwabonye haphuye imbonerakure les 4 ministres baciye baza kuraba uwabobo yapfuye ndetse bavugana na kababaro kuwobabuze mbe ndababaze haraho mwabonye baserutse uko ari 4 kumusoda wigihugu yishwe? canke ko mukinama no mucibitoke haphuye abari muri manifestation mwabonye bagiye? Ubu baratweretse kobashigikiye imbonerakure nigiporisi cica natwe tuzobereka kotutari abana nikazima mubitweretse nare kanatsinda itegurwa ryukwica abadashigikiye ikiringo ca 3 umushingwamanza wumubirigi mbenge mumvise koyabivuze mumakuru kori abadoki babimubwiye. Sha muragenda kandi mugenda nabi.Dusenga iyumva yomwijuru apana iyikuzimu.

  • mbe ndababaze kwiciyumviro canje komutacerekana mwisunga iki? muri igihe.bi

  • WEWE UVUGA AMAKI?grenade NTITURIRA INTADUKANIYE HEHE NUMURIRO KANURA BWAKEYE BARUNDI

  • MANA WEEEEEEE!!!! TABARA NONESE UWOBIKETSE GUSA BACA BATURIRA,ARIKO NKUBU RETA IRIKUBONA IBIBA KOKO??? IGISIRIKARE CO SE KIRI GUKORA IKI IGIHUGU CYATEWE. MANA WEEE TABARAAAA TURAGUSAVYEEEE!!!!,UBU BAGIYE KUJYA BAKUREBA KWISURA BACE BATURIRA KARABAYEeee!!

  • mwese ntakuri kwanyu murikurwanira inda zanyu gusa canke izabenewanyu, ubwo muraje muhende abatabazi.

  • bwoko bw’Imana mureke kumarana biragaragaragarako umuntu wese badashaka bagiye kujya bamuturira maze bavugeko baturiye imbonerakure,ayamaraso mumena azubahumira mwebwe n’imiryango yanyu.

  • Ntimutangare. Ibi vyose ni Reta yovyagirizwa. We gufata umuntu ukamukura aho yari yibereye ngo umujanye gutera desordre mubariko baragira manifestation, ukwo ni ukubiba urwanko none raba ico bivyara. Bamwe baraturirwa, abandi bararaswa, abandi batera ama grenades, ni ibara. Police yoyo twovuga ko ari iki rebelle cinjiye mu bantu. Reka abantu bagaragaze ikiri ku mutima wabo mumahoro, muheze murabe ko hari ibara nkiryo rirwa.

  • Ubutumwa kuri Rwasa: Wame wibuka ko tuzinanye kuva i Kirwa.Iyo twaciye i Mishamo twari kumwe.I Burundi twari kumwe . Mu Rwanda i Muhura(Byumba) twari kumwe igihe wariko urondera kuja kw’isonga rya Palipehutu,muhaniganira na Nshimirimana Adolphe.Wibuke abantu twatanguranye urugamba wishe harimwo Muhiziwintore,Bitungane Elias,Nsengiyumva Galèse, Bayubahe Sylvestre n’abandi.Wibuke ko incungu ya démocratie Gahutu Rémy yama avuga ko itsinzi tuzoyishikako niyo twaja hamwe,ariko wewe aho kwifadikanya n’abandi mukuzana amahoro wifadikanya n’abica abarundi.Ntagihe nakimwe bahengesheje kukwinginga ariko vyose ukabirahira (akarorero ni mu Kayogoro).Nyakwigendera Gahutu imbere yo gupfa yari yatugabishije ku bantu nka we co kimwe na Ntiranyibagira Damas hamwe na Prosper Mpawenayo.Mwavuga ngo ntawokura igisoda c’ubwoko bumwe ngo agisubirize igisoda c’intara imwe kuko mwavuga ko Fnl yari igizwe n’abantu bava i Bururi na Makamba.Muca murondera kutwicisha mudushira mu maboko y’amagabura, Imana irakinga.Baraguhenze ngo uzotwara Uburundi.Nkuko Damas yifadikanije na Buyoya mukutwica nawe niko ubikoze.Ntiwibaze ko tutariko turakurereka.Wibuke ko ndi umuntu umwe mu ba mbere mwarungitse gutera uburundi mu 1991.

    Ikubite agashi ,usubize agatima mpembero wibuke amagorwa twaboneye i Kirwa niyo twagiye turaca hose.

    Imana igufashe.

  • blue bird ndabona muriko mwitiranya ibintu uwagutumye kuvuga ubwo butumwa bwerekeye UMUSHINGANTAHE RWASA yaguhenze namba baguhaye utwo ushira kumufuko suko kuva cndd.fdd ishikirijwe igihugu si umuhutu yapfuye gushika ubu iryohonyabwoko mwari mwateguriye mwishamba ryahindukiriye kumuhutu? Muhe amahoro kuko yarabonye umwansi uwariwe ahubwo blu bird ushaka gukanura ukabona kwigihugu gikeneye umutekano niterambere inzara ikavaho hama aho ntasoni nabo muri documentation wumvise kobabameneye secret ingene mwateguye genocide humura ibuye ryaserutse ntiriba ricishe isuka kandi mutama RWASA yarabonye kwataciza muzogirira uburundi ahitamwo kubaheba akurikira umuco.wakijuju weeeeee.

  • il faut trouver une solution pour amener le calme au burundi , la guerre ne vous servira àrien , les organisateurs des manifestations doivent réfléchir , vous détruisez votre pays , vous vous entretuez , le pays est paralysé , ,vous devez arrêter ,,et laisser les enfants continuer leurs études ainsi de suite

  • Raba Raba Tuvugati Yemwe Iyi Myiyerekano Har,igamije Mbwiye Yamakungu Abone Ico Ba Vital Na Pacifique Rufyiri Leonce Ndabira Bamwe Badaharanira Ivyicaro Vya Polike Basigaye Ari Ibinwamaraso Yooon Bamwe Bagomba Kuzitoza Kub,umukuru W,igihugu Amajwi Bariko Basaba Abanyagihugu Naya Yokubaturizamapine Abarundi Twamenye Ko Muhemba Buri Musi Kandi Mukabagaburira Umunsi Muzobura Ivyo Mubaha Bizobatekurukana Ayo Mahera Atozwa Kurugo Rugo Ajahe Niba Muzi Ko Muharanir,ukuri Mufise Benshi Babashigikiye Jamumatora Mubahamagare Mubahunde Amajwi Mutware Mumutembagaze Biciye Mumatora

  • NARIKO NDABA IYI FOTO NSANZE ABARUNDI TURI AGAHMBAYE. NONE MBEGA KO UWO MUNTU BATAMUVUGA IZINA ABAMENYESHAMAKURU, TURASAVYE DUSHIMITSE BAMUTWEREKE MUMASO TUMUMENYE KUKO USHOBORA GUSANGA YAZIZE UMWIKEKO GUSA? NONE NTA WEMANZE IVYO MU BAYOBOYE IMYIYEREKANO? JEWE NARI NDABSHIGIKIYE ARIKO KUBERA UWU MUNTU YATURIWE, NIBUTSE AKA 95..... NONE MURARYA NTIMUMPE. PITA GUSA N ABISE UWUNDI, ARIKO IKIBIRI, WAPI KABISA CO KIMWE NA SOCIETE CIVILE.

  • Nivyo Koko,iyo Igipolisi Cishe Abantu Kikamaramazwa N’abavyumva,kica Gisigura Ko Carashe Gisubiza Abariko Barakirasa.

  • muvyukuri irbintu bigeze kure cane abenegihugu ntibahendwe huko bofatanye munda basubiranemwo ni babirekere benavyo ntibaduhende umuti wavyose suwo kuziba amabarabar ahubwo reka tubirabire mukazu kamatota gusa naho ibindi vyose barihenda agapfuye kabazwivu !nibabandanye ingaruka ninyishi

  • Barundi Kwiyerekana Ni Vyo Ariko Iyo Hagiyemwo Ivyokwicana Mbere Hakoreshejw Ivyokwicana Baturirana Bakoreshej Amapneu Bica Bihindura Intumbero! Stop Kuko Muriko Mwiterimivumo Ku Mana.

  • Yemwe,yemwe,yemwe, nivyo ariko murakora, muzovyishura ahakwisi, numbered y’Imana izababaza...abanyaporitike, nimugerageze gukemura ino kubago kitwubakiye, dusubire mumutekano, future nkabandi, kuko nimwebwe bireba nano abanyagihugu mutureke

  • Oya vrmt,abobagrivy nibikebuk bameny kamaras akurikirana.

  • Ivyo ntaho bitaniye nivyo twaciyemwo en 1996. Ahonyene kuri avenue de la mort niho baturiye abantu benshi. Barundi barundikazi muraba maso ntimwemere uwusubira kubazanamwo ivy’amoko.

  • Komera aho mwakoze neza ncane gerageza murondere umupolice umwe gusa wewe mumukwege mumuturira hanyuma murabe KO batabubaha namwe ntibasubire J
    Kubahenda bishe umwe muri mwebwe namwe fondera umu police mwice mumpfume murindira ijoro mugabo mumuronke izombonerakure muze murazireka ntizizi ivyozi kora komera mwigwanire

  • IKInyamakuru canyu ni politike

  • agubw mufis amacagutatu

  • Ndabona Nibizoroha .

  • Ndabona Nibizoroha .

  • Iconiyumvira,nuko Borekakwica Abantukuko Ntakamarokarimwo

  • muphiki ga mwabagabo? ubwo ntimubona ko mwota mukaga igihugu?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.