Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB umutekano
Umwe mubagize inama y’inaribonye za CNDD FDD yahatswe kugandagurwa
Yanditswe taliki ya 27-11-2015 - isaha 14:36' na IGIHE

Zenon NDARUVUKANYE yigeze kuba buramatari w’intara ya Bujumbura rural, ubu akaba ari mu bahanuzi b’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, akaba kandi mu nama y’inaribonye z’umugambwe CNDD FDD, yahatswe kugandagurwa n’abantu bamutegereye aho bita kuri CHANIC hafi y’ihinguriro BRARUDI, avuye muhira iwe. Umwe mu bacungera umutekano wiwe yaguye muri ico gitero.

Igiporisi cafashe imodokari yarimwo abantu bitwaje ibirwanisho, bahatswe kugandagura Zenon NDARUVUKANYE. Uwutwara igiporisi mu gisagara ca Bujumbura, Niyonkuru Domitien amenyesha ko hari nk’isaha zibiri z’agatondo, aho humvikana amasasu menshi arashwe n’abagizi ba nabi bari bakoze igitero kuri Zenon NDARUVUKANYE, umuhanuzi mu biro vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Babiri muri abo bantu bafashwe, umwe aca mu ryahumye abajejwe umutekano. Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko babiri batawe muri yompi bafatanwe ibirwanisho bari bafise bigizwe n’inkoho zibiri zo mu bwoko bwa Mi Kalash, inkoho imwe itera amabombe, kalashnikov zine hamwe n’amagerenade ane nyene.

Ibirwanisho vyinshi cane vyafatiwe mu Kinindo

Niyonkuru Domitien, uwutwara igiporisi mu gisagara ca Bujumbura amenyesha ko abo bantu babiri bafashwe baciye berekana inzu iri mu Kinindo bahora babikamwo ibirwanisho. Iyo nzu itaramenyekana mweneyo yafatiwemwo inkoho 19 zo mu bwoko bwa Kalashnikov, inkoho zibiri zo mu bwoko bwa Mi kalash, inkoho bita RPG7 zitera amabombe, inkoho bita mortier 60, amagerenade 19, amabombe atandatu, ibirato 13 vy’igisoda, imisipi n’inkofero vya gisirikare, impuzu za gisirikare zigera kuri 23, hamwe n’imyambaro ine yo mu giporisi API gicungera inzego za Reta. Hafashwe kandi n’impuzu intwazangabo zambara ku minsi mikuru (Grande tenue).

Muri iyo nzu nta muntu yahafatiwe, mu giporisi bakavuga ko muri urwo rugo bahasanze imodokari yarimwo iparati ndangamuduga y’igisirikare. Domitien NIYONKURU atwara igiporisi mu gisagara ca Bujumbura yabwiye abamenyeshamakuru ko abantu baba mu micungararo y’urwo rugo bamenye iyo modoka, bakaba bahora babona ikoreshwa n’abantu bambaye impuzu za gisirikare.

Ivyiyumviro vyanyu

Ushima ari irementanya abo bagomba kwica Zenon ni abo muri API. urawabo muzorwumva. bica bahusha, baruhira nabo nyene kwicwa nk’umwe batsinda mw’Isare, kuri mission ya Kazungu. Imana nidukuremwo uwe wese yitwa umwicanyi. Amen, Amen

3.12.2015 à 10:50
Anaclet Ruberintwari

bene data mwirinde kuvuga amajambo ahubwo musenge IMANA niyo yonyene ifise umuti wu Burundi.

2.12.2015 à 10:36
niju

AHUBWO DUSAVYE UMUKURU WIGIHUGU KURUSHIRIZA GUHINGUVU IGIPOLISI NIGISIRIKARE KUBIKOGWA VYIZA KIRIKO KIRAKORA BARUSHRIZEHO.MURAKOZE

1er.12.2015 à 18:15
NIJIMBERE Elias

kandi ngo ubu nanone ngo ni KAGAME ,abarundi muzi gukina inkinamico koko aho nti muza kina iyo kwikora mu nda. bravo !mukomere

1er.12.2015 à 12:47
nana

KIRIMWABAGABO EM

30.11.2015 à 06:56
KIRIMWABAGABO EM

Ka Domitien nikarekeguhendabantu izonkoho i BUJUMBURA ngonikokazifashe ! nyamba barakaroze mumutwe umengo ntibukwiye ! abantu i Bujumbura Baheje Babica ! Nikarindire gato bazokamen umutwe baryanyene bagacungeye nikimvyimvye gose kibazango baravukana gasumb’abamazegupfa. Nibemeribiganiro abantu bareke kuzirubusa ngoturimumahoro.

30.11.2015 à 04:13
Alchabab. 

30.11.2015 à 04:11
Alchabab. 

NONE ABO BANTU BABAMENYE

29.11.2015 à 21:51
NIZEYE WA KARUSI

komera kumuheto

29.11.2015 à 21:33
bot

Abarundi tirazinanye gose. Ikuri kuratugora kuvuga. Ibi mbona sivyo . nimpunyi uyisiguriye. Ivyo mbona ntiyovyemera

29.11.2015 à 19:10
niyonkuru john uthuman

Duhindure Ingendo Twese.Amahoro AZozanwa N’ubwami Bw’imana.Nayahandi Tuzomarana Dupfa Ubusa !

29.11.2015 à 15:43
Egide

Duhindure Ingendo Twese.Amahoro AZozanwa N’ubwami Bw’imana.Nayahandi Tuzomarana Dupfa Ubusa !

29.11.2015 à 15:41
Egide

Duhindure Ingendo Twese.Amahoro Zozanwa N’ubwami Bw’imana.Nayahandi Tuzomarana Dupfa Ubusa !

29.11.2015 à 15:40
Egide

Mbeko bagira ubwoba wee !!!!!nabado nikiri mukuzimu tuzokizana "amase yakera ntagihoma urutaro"

29.11.2015 à 08:43
fils j de Dieu

Vyababuriye pe ! Amarementanya yanyu atagira izina, twabahinyuye mwa ba police mwe ! Yooo, izo nkoho ni izanyu mwanyegeje muri iyo nzu ! Ubu rero tugire twongereze kubivuna. Mutwita inkozi z’ibibi kandi arimwe muri zo mugushigikira Pharaon ngo agume ku butegetsi kandi yarahejeje ikiringo ciwe !

29.11.2015 à 07:42
Mpozenzi Marcien

Mbega ubmicanyi !abarundi tuzokwisubirako ryari ?Nomubiro kwa president !! Papa nakumbure asabire abarundi baje mubiganiro bidakumira ahandiho turahona.

29.11.2015 à 07:11
Innocent Life

Mbega ubmicanyi !abarundi tuzokwisubirako ryari ?Nomubiro kwa president !! Papa nakumbure asabire abarundi baje mubiganiro bidakumira ahandiho turahona.

29.11.2015 à 07:10
Innocent Life

Mbega ubmicanyi !abarundi tuzokwisubirako ryari ?Nomubiro kwa president !! Papa nakumbure asabire abarundi baje mubiganiro bidakumira ahandiho turahona.

29.11.2015 à 07:09
Innocent Life

Noneho Runyenzi -inkotanyi atangiye kugemurira imbunda abarundi. Ntakundi ntawanga imboga zizanye !! Uwanga Peter Nkurunziza aziyahure

28.11.2015 à 22:58
Kinindo
1 | 2 | 3

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.