IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Urugo rwa Gabriel Rufyiri rukikujwe n’abaporisi

Urugo rwa Gabriel Rufyiri rukikujwe n’abaporisi

mercredi 16 Mukakaro 2014

Urugo rwa Gabriel Rufyiri, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME rirwanya abarya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Reta, rwazindutse rwugarijwe n’abaporisi benshi.

Ivyo bikaba vyashitse mu gihe uwo mukuru wa OLUCOME yari yamenyesheje ku munsi w’ejo igenekerezo rya 15 Mukakaro, ko agiye kwisonzesha iminsi ibiri, kandi agire n’urugendo ari wenyene, mu ntumbero yo gusaba kumenya ukuri ku bantu bafise amatungo adasiguritse.

Muri urwo rugendo yari gutangura kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 16 Mukakaro, Rufyiri yarungikiye ikete umukuru w’igisagara ca Bujumbura, aho yamumenyesheje ko agiye gutangura urugendo rw’amahoro, ari wenyene, kuva kuri uwu wa gatatu, gushika kuwa kane igihe c’isaha cumi n’imwe z’umugoroba. Gabriel RUFYIRI yamenyesheje umukuru w’igisagara ca Bujumbura ko ico amusaba ari abamucungerera umutekano gusa. Iryo kete kandi rikaba ryari ryanarungikiwe umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Tukabamenyesha ko Gabriel Rufyiri muri urwo rugendo rwiwe, avuga ko yari kuba yitwaje inzandiko n’amashusho bigizwe ahanini n’ibibazo bibiri bitegerezwa kwishurwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, hamwe n’umushikiranganji w’ubutungane, ivyo bibazo navyo akaba ari : "Nutubwire iyo wakuye ubwo butunzi bwawe (D’où as-tu tiré ta richesse)", hamwe na "Amagorwa mfise azohera ryari ? (Jusqu’à quand la fin de ma misère).

(Foto Bonesha)


Aristide Nizigire

Messages

  • ubwo mugihugu cose habuze uwomwisinya ngo amukorereko, hamanawe aze yibukwe mumugwi wo kumenya ukuri nukurekuriranira???????? jewe nibaza ko ataruta kabushemeye!!!!!!! ataruta ndadaye, ataruta firime, ataruta ngendandumwe naje mugitigiri cabandi tuzo mudekarara hamwe nabo.

  • NONE ABOBAPOLISI NTIBOMUREKA AKARUTANGURA, HAMA NABO BAKAZANA ZAKAMYO KIZIMYA MWOTO BAHABWA NA BASHINWA NGO BAZIPIME KO ZIRUNGIKA AMAZI NEZA BAHEREYE KURIWE!!!!!!!!!!!!!

  • Hewe kivumbuzi nkundira ndakubwire ko iyo mvugo yawe ataho itaniye n’ababisha bama badushira mwihumbi rigashira abana bacu mu bupfuvyi bwakamuna. ivo uvuze bivuye muri ako kanwa kawe kandi biraba wewe ntibaraba twebwe abarundi b’umutima.

    Ico nkwibutsa ni uko umwe wese afise uburenganzira bwo kugaragaza akamwubakiye k’umutima mu mahoro n’umutekano ntangere.

    Kubwanje Rufyiri ni bamureke maze ubutegetsi bwihutire kwubahiriza amategeko dufise kuko nivyo hari abarundi beshi bariko baratunga mu buryo burengeye ubwenge bwa twebwe abantu kandi basanzwe bafise amikoro abayabaye!!!!

    reka turwanye bakaboko tugarukire abarundi benshi bishwe na kigoyi SVP!!!!!!!!

  • Jewe murantangaza!!none ntiyasavya abamucungera umutekeno?barabamurungikiye namwe mutangura kwandika ibitaja ntibize,none siwe yabasavye?ngabo rero baje

  • Je nibaza ko kuvuga iyo umuntu yakuye amatunga afise ari kumwinjirira kuko singombwa ngo umuntu amenye aho uwundi akura uburyo. Mbe wew ntiyotubwira iyo yakuye iyo étage abamwo aho mu NGAGARA Q9, ugira umushahara ahabwa muri OLUCOME niwo yubatsemwo iyo nzu? barahenda ba se na nyina batize nayo turaraba kandi tukabona. Ugira we iyo nzu ntiyayubatse mu mfashanyo bamuha ngo hari ivyo ariko arakorera abenegihugu agaca ayicisha kuruhande? Mumbarize abagize iryo shirahamwe ryiwe? abanyabigega baryo, reka mvuge komite yaryo nimutasanga ari akazu mu ce mumpinyuza. Abarundi turazinanye nareke kutugora akeney kwisonzeshe!!!! Aho agomba imfashanyo zizokurikira ngo arashonje.
    Barundi bene wacu twirinde abantu bagomba kudusamaza bagomba ngo turabe abandi ariko nabo batagomba ko tubaraba.

  • Je nibaza ko kuvuga iyo umuntu yakuye amatunga afise ari kumwinjirira kuko singombwa ngo umuntu amenye aho uwundi akura uburyo. Mbe wew ntiyotubwira iyo yakuye iyo étage abamwo aho mu NGAGARA Q9, ugira umushahara ahabwa muri OLUCOME niwo yubatsemwo iyo nzu? barahenda ba se na nyina batize nayo turaraba kandi tukabona. Ugira we iyo nzu ntiyayubatse mu mfashanyo bamuha ngo hari ivyo ariko arakorera abenegihugu agaca ayicisha kuruhande? Mumbarize abagize iryo shirahamwe ryiwe? abanyabigega baryo, reka mvuge komite yaryo nimutasanga ari akazu mu ce mumpinyuza. Abarundi turazinanye nareke kutugora akeney kwisonzeshe!!!! Aho agomba imfashanyo zizokurikira ngo arashonje.
    Barundi bene wacu twirinde abantu bagomba kudusamaza bagomba ngo turabe abandi ariko nabo batagomba ko tubaraba.

  • Komera rufyiri!uwo mugambi ntuze uwuhagarike kugeza OLUCOME bayifuse kuko ntakindi yoba imaze!na sihondi levis na kavumbuzi bavuze ko bagiye kuva mubuzazane bakuriyemwo!

  • Wa wandi ati, "UWUZOKWEGA INTAMBARA IZOTANGURIRA MU RUGI IWE IHERERE MU RUGO IWE"

  • jewe mubantu babayeho nabi ndimwo mugabo nsanze rufyiri nawe arumusazi!!Koko wenyene aba muri étagée none ayo mahera yaya kuyehe?? reka ubwe srco !mbega mbaze aba muzi numutwa cank numuhutu canne bumututsi? mbega mutama rufyiri kuri Buyoya ntiwari bwameta menyo?kotuzi neza ko amatungo menshi abatutsi bayatungiye inyuma yigihugu abo wita aba DD nizobubatse ntibarazibamwo nibobagutesheje umutwe?? rindira tubatware muvuga muvuga tubatwara!!

  • Hari uwavuze ati, "Uwushaka intambara, izotangurira mu rugo iwe, iherere mu rugo iwe."

  • Mu Kirundi baca umugani ngo: ’’Habwirwa benshi hakunva bene vyo’’. Muri izi. commentaires ababwirwa bariyerekana, babura insiguro gusa. Baravuga nk’ababurana ata sentare irabahamagara
    . Aha di naho; abafise ibibazo vy’ubukene; bakoze kuva kera, mu kuri kutagira ibinyegezwa, turiyumva mwo. Wewe wakize umaze imyaka Kuva 1993 gushika 2006, utagira n’umufyiti nka twe, n’ibihe bitangaza wakoze kugira uronke natwe tibure? Va ku rigo rwa Rifyiri Kaburiyeri, avuga ukuri. Ngo abana n’abakenyezi bavugwa ubuntu, ntimwigeze muriha les soins et les services medicaux, ngo abana bo mu mashule mato biga k’ubuntu,genda murabe uko ababuze amafaranga yo kuriha iyubaka rya foromantahe ko batari i muhora. Mu mashule umugira neza yaratanze amafaranga 2300 k’umwana kugira les charges scolaires zirihwe/vyoba vyakozwe uko botegerejwe? Ishura kuri itu tibazo hanyuma ibone kugariza umiryango wa Kaburiyeri Rifyiri

  • UWUZOWUCANA BAZOWUMUZIMIRIZA KO!!!!!!! ABAJEJWE KUZIMYA, AKAZI KUBUTSE.

  • Abajejwe umutekano mu Burundi ubasavye kugucugera bateba utarabivuga, Rupfiri ntiyabasavyejo noneraba hataranashika amasaha 24 bivuyinyuma mukumucungera.

  • Barundi,Barundikazi kunda igihugu canyu.Umugani w’Umusaceredoti ari hano,uheza guhemuka ibigori bikera.

  • Abo bagabo mwirererako ngo ni civil societies nibatabakwegera akarambaraye muzoba mumbwira. Muze mwumvirize three series documentary ivuga ivya ma civil societies cane cane mu bihugu bikenye. Ibita "governments in waiting". Nkakarorero mumbwira ikintu na kimw ayo ma civil societies na BA Rufyiri,Pacifique nabandi baramarira abarundi kiretse kwama bariko baravuga ama nonsenses.

  • Kivumbuzi, uri Umwicanyi ariko nawe u........................................... Uri umuDD koko kuko ntabani bavuga nk’abahahamutse, bakoropwe mubwonko nk’abaDD. Icompuza nawe tukaganira ukanshiriza nkumva ivyiyumviro vyawe turi kumwe face a face.

  • Mbega wewe wiyita KIVUMBUZI WEWE URI NU MUTIMA UGOMBA BAMWICE!!!! Abo bashingantahe uhejeje kudondogura URABUBAHA!!! URKWIYE UMUNTU YO KUNZANIRA NKAKWIGA?mbega urazi ko umuntu yica uwundi Aba ARIKO ARIKWEGERA UMUVUMO !!!!!!akwegera n’abana biwe hamwe nabazomuvako bose!!!!! ndakurahiye abantu bariko barahendwa batumwa kwica MUZOKWIBONERAKO???,ahubwo abantu bashigikiye DD BARAKWIYE GUHUMUKA .bakamenya ko umuntu ari umuntu!!! akwiye agateka ,akigenga na ho ngo uwomukorerako!!!!! ishetani yarabinjiye nukubasabira imbabazi ntimuzi icomukora .basi.

  • Mwibuke ko ikintu cose gifise intango kigira n impera ,abafaransa bati"le tout se pay si bas,uwicisha inkota azicishwa inkota,uwicisha irementanya azicishwa irementanya,aho uri hari abandi kandi uzohava haje abandi,ikintu cose gifise intango kigira n impere.Twubahane kuko twese Imana yaturemye idukunda

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.