Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urugo rwa Jada Smith ntirworohewe
Urugo rwa Jada Smith ntirworohewe
vendredi 8 Munyonyo 2013
Nk’uko amakuru ava mu gihugu ca Leta zunze ubumwe z’Amerika abivuga, Will n’umupfasoni wiwe Jada Smith ntibagiteka ngo bishe, bamaranye imyaka 15, bakaba bavyaranye abana 3. Uwo mukinyi w’amareresi afise imyaka 45 yoba afitaniye imigenderanire ikomeye na Margot Robbie, umukinyi w’amareresi afise imyaka 23.
Will Smith na Margot Robbie baraboneka kunzandiko, aho bariko biteguriye gukina ireresi “ Crazy Stupid Love”. Igenekerezo rya 25 Gitugutu 2013, bahimbarije hamwe aho bari bahejeje gukora ireresi, bari i Nouvelle-Orleans ari naho ibintu vyafashe iyindi ntumbero. Abo bakinyi ntibashoboye kwirengagiza kwerekana imigenderanire bafitaniye imbere y’abafata amasanamu.

Amasanamu yasohotse atangwa n’ikinyamakuru Star, yerekana Will Smith igikaraza kiri gusa Magot nawe yambaye kamwe gapfuka amabere gusa. Umwe mu bari aho vyabereye, yasiguye ko ayo masanamu ya Will na Magot bayakoze bagomba gutwenza abantu, ariko hari iyindi nkuru yamenyesheje ikinyamakuru E! News ko Will w’imyaka 45 na Magot wa 23 bari kumwe mu gutegura amasanamu yanyuma y’ireresi. Ku ruhande rwa muka Will Smith, nta kajambo yashoboye kuvugira k’umugaragaro.

Chérif Nkeshimana