Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urukundo ni icamwa gikura ari uko kivomerewe
Urukundo ni icamwa gikura ari uko kivomerewe
vendredi 10 Nzero 2014
Inzira abantu bakundanamwo ziratandukanye, hari abahura umunsi umwe kuva muri uwo mwanya urukundo rukaba umurengera mu muhungu eka no mu mukobwa. Urwo rukundo haraho rushika kure n’igihe rutamara kabiri. Kuki hari aho ruhera? Mbega iyo muntu yipfuje gusubirana n’uwo bahebanye yobigira gute?

Abantu benshi iyo bariko baja mu bintu vyo gukundana usanga bamera nk’abatinya rwa rukundo twokwita rw’akavumbuzi «Coup de Foudre». Urwo ni urukundo ruza ataco rufatiyeko kiretse ko umuhungu canke umukobwa babonana ubwa mbere bagaca biyumvanamwo cane, bakumva muri bo ata kintu kibaho coshobora kubatandukanya. Hari abibaza ingaruka zinza canke mbi urwo rukundo rushobora kuzana. Mbega abahinga muvy’urukundo babivugako iki?
Reynolds Butari, ni umuhinga azi ibitari bike ku bijanye n’urukundo. Aratanga umuco. Reynolds avuga ko iyo bishitse abantu bakagirana urwo rukundo, ari intambwe ya mbere. Muri ico gihe, umukobwa akunda umuhungu akabona ko yitonda, ko ari mwiza, ko atarutwa, ko aciye ubwenge eka n’ibindi, n’umuhungu ni uko. Kuri Raynolds, ni guhana amanota ya gusa. Urwo rukundo rusabwa kuvomererwa kugira ruhagarare rugume, bitabaye uko ntakibuza ko bimwe vyose umwe yabona ku wundi bizimangana urukundo bakabura iyo rwagiye. Ati : "Kwubaka inzu si gutondesha amabuye gusa, hagati y’ibuye n’irindi harajamwo isima kugira inzu ikomere, n’urukundo rusaba kuvomererwa kugira rukure maze ntirusaze”. Ntibikwiye rero ko umuhungu canke umukobwa ashira agati mu ryinyo yibaza ko ata wundi yotwara ikibanza ciwe mu mutima w’uwo bakundana.
Hagati y’abakundana ntibabura ingorane, izo rero haraho zituma umwe muribo yigira inama yo guheba uwo bahora bakundana. Inyuma y’iminsi mike, umwe yamuheba akumva urukundo ruracari rwose, maze akiyumvira ingene yobigenza kugira basubirane ariko bikamugora kuko abura ingene yoseruka mu maso y’uyo yabwiye rya jambo rica umutima, “Jewe nawe biraheze” bikamugora. Mbega abahinga babivugako iki?
Kuri ico kibazo, Butari Reynolds ahanura uwoba afise izo ngorane ko yoca bugufi maze agashikira uwo ashaka ko basubirana, akamusigurira ko yamwibajije uko atariko yamusanze canke ko icatumye umuheba yasanze kidafashe. Abandanya avuga ko benshi batinya gusaba ikigongwe kubera kwihagararako. Uwo muhinga ahanura avuga ko uwo bishikiye yokwemera. Mu gihe rero hari uwutanga ico kigongwe kugira nawe ategure kwihora guheba uwo yari yamuhevye, Reynolds avuga ko aramutse yemera ko musubira utegerezwa kugira ibishoboka vyose ukamwereka ko ata wundi akuruta.
Cherif Nkeshimana
Messages
10 Nzero 2014, 21:38
BIRAGOYE PE
10 Nzero 2016, 16:27, par GERMAIN
URUKUNDO RUGUMAN’ABIHANGANYE KENSHI BISABA KWIYUMVANAMWO N’UBUKUZI!
11 Ruhuhuma 2018, 22:11, par UWIMANA Chalif
nibihe bintu bikurubikuru umuntu yokora kugira avomere urukundo rugumane itoto?
13 Ruhuhuma 2018, 13:08, par Ndayishimiye Eddy Pablo’ The Best
Iciyumvira Canj Nukojew Mfis Umuknz Wanj Namw Ndabifurij Umus Mukur Mwiz Ubrw Nez