Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Uwashushanije Poutine yambaye uduhuzu two munsi tw’abakenyezi (...)
Uwashushanije Poutine yambaye uduhuzu two munsi tw’abakenyezi yarahunze
mardi 3 Nyakanga 2013
Umupfasoni arongoye inyubakwa ndangakaranga iherutse gushushanya Vladmir Poutine n’icegera ciwe Dmitri Medvedev bose bari mu duhuzu two munsi tumwe tw’abakenyezi, yahagaritswe n’igipolisi i Saint – Péterbourg i nyuma yaho yari yasabiye ubuhungiro igihugu c’Ubufaransa.
Uyo mupfasoni Tatiana Titova asanzwe ariwe arongoye inyubakwa ndangakaranga yigenga, yahagaritswe mu gihe yari yagerageje gusigura imvo zamutumye agira amasanamu yerekana umukuru w’igihugu c’Uburusiya Vladmir Poutine n’icegera ciwe, bose bambaye uduhuzu dupfuka amaberey’abakenyezi (soutien) n’akandi ko munsi (caleçon). Ariko rero uyu mukenyezi bamwe mu bagenzi biwe bamaze gucisha ihagarikwa ryiwe ku buhinga bwa Twitter, yaciye arekurwa amasaha umunani inyuma yihagarikwa ryiwe, ariko atakinini kimenyekanye.

Kuva kw’igenekerezo rya 27 Myandagaro igipolisi gitanguye gufata ivyo bicapo vy’abo bategetsi bari mu duhuzu two munsi tw’abakenyezi, ihayanishwa ryaciye rihagarikwa muri ico kigo ndangakaranga, iryo naryo rikaba ryagirijwe amacakubir. Gushika n’ubu uwashushanije Poutine umukuru w’igihugu c’Uburusiya yambaye utwo duhuzu ariwe Konstantin Altounine w’imyaka 45, ubu yaramaze guhungira mu gihugu c’Ubufaransa, akaba yasize umugore n’akana ka kigeme k’imyaka ibiri.
Ubu rero ico kigo ndangakaranga kikaba casubiye kwugururwa, mu gihe kuri uyu wa kane uheze ariho hari hategekanijwe kwugurura ibikorwa vy’inama y’ibihugu bigize G20, inama itegekanijwe kuba muri iyi ndwi nyene turimwo kuva kuri uyu wa 5 na 6 Nyakanga i Saint – Pétersbourg.

Aristide Nizigire