IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Venezuela : Yemeye gucibwa izuru kugira ase n’umukinyi akunda

Venezuela : Yemeye gucibwa izuru kugira ase n’umukinyi akunda

mardi 9 Ruheshi 2015

Henry Damon w’imyaka 37 wo muri Venezuela kuva ari umwana muto yakuze akunda amacinema yo mu bwoko bwa dessin annime amaze gukura afise mbere n’umuryango, aca yifuza gusa n’umukinyi w’izo cinema yitwa red bull.

Inyuma yaho, Henry Damon yaciye aja kwitura Emilio Gonzales umuganga amenyereye cane ivyo guhindura imibiri y’abantu aho naho niho babanza kumupima mu mubiri no mu mutwe, barabe ko akomeye basanga arakomeye, kuko vyasaba ko babanza kumuca izuru. Imbere yo kuricacura, abaganga bakaba baranapimye barabe ko atangorane yo guhema afise basanga ntayafise. Uwo muganga ariko agerageza kumuhindura igicapo yavuze ko akibazo na kimwe uyo mukiriya wiwe afise , haba ku mubiri no mu mutwe, mbere avuga ko ari umuntu mwiza, kandi akaba n’umuvyeyi mwiza yishakira gusa guhindura umubiri wiwe .

Ubu Henry amaze gushira ibintu binyuranye ku mubiri w’uwo mugabo ariko kugira ico gikorwa co gushika gusa na Red Skull, haba mu gahanga no mu maboko, haracari vyinshi bisigaye gusa, ivyo agomba gukoresha vyose ntabwo birahera, kuko hari n’ivyo agomba gushira mu matama, bagasiga n’isura yiwe amabara atukura.


Bill Nkurunziza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.