Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Willy Nyamitwe: ’’Abateye bafise intumbero yo gusamaza inzego (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Willy Nyamitwe: ’’Abateye bafise intumbero yo gusamaza inzego (...)

Willy Nyamitwe: ’’Abateye bafise intumbero yo gusamaza inzego z’umutekano’’

vendredi 11 Kigarama 2015

Umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe kumenyesha amakuru Willy Nyamitwe amenyesha ko ibitero vyabaye ku makambi y’abasirikare mw’ijoro ryo kuwa kane buca ari kuwa gatanu igenekerezo rya 11 Kigarama 2015 vyari bifise intumbero yo gucanishamwo igisirikare.

Abicishije ku rubuga ngurukana bumenyi rwa Tweeter,Willy Nyamitwe yamenyesheje ko abagize ibitero boba babigize mu ntumbero yo kubohoza abapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba riri muri zone ya Musaga muri komine ya Muha,mu bumanuko bwa Bujumbura.

Willy Nyamitwe yanditse kandi amenyesha ko ibikorwa mu gisagara ca Bujumbura bibandanya ukuri kwamye naho nyene hari amakuru ariko aravugwa ko ata mirimo yabaye mu gisagara ca Bujumbura.

Naho biri ukwo,ku mashuri amwe ari mu gisagra ca Bujumbura, abanyeshuri bari bashoboye gushika kw’ishuri ntibakoze ibibazo biheza igice ca mbere c’umwaka w’ishuri,kuko abayobozi baciye babasaba gutaha bakazogaruka mu ntango z’indwi iza.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.