Wobona gute ko wagize ico wimariye naho atavyo wamenye

Yanditswe na IGIHE
Kuya 8 octobre 2015 saa 10:14
Yasomwe : 63441
0 0

Abantu benshi baribaza ko ataco bashoboye mu buzima, bamwe bakabona bagenzi babo batunze imiduga myiza, amazu meza n’ibindi bishobora kwerekana ko umuntu ahiriwe mu buzima. Hari utuntu dutoduto abantu birengagiza kandi dushobora kubereka ko hari ico bamaze (réussite).
Ibintu 10 vyerekana ko umuntu yagize ico yimariye mu buzima bwiwe (réussite) :
1) Imibereho yawe yarahindutse ntikiri nka kera
Muri kahise ushobora kuba wari ufitaniye imigenderanire mibi n’abandi kubera iki canke kiriya. (...)

Abantu benshi baribaza ko ataco bashoboye mu buzima, bamwe bakabona bagenzi babo batunze imiduga myiza, amazu meza n’ibindi bishobora kwerekana ko umuntu ahiriwe mu buzima. Hari utuntu dutoduto abantu birengagiza kandi dushobora kubereka ko hari ico bamaze (réussite).

Ibintu 10 vyerekana ko umuntu yagize ico yimariye mu buzima bwiwe (réussite) :

1) Imibereho yawe yarahindutse ntikiri nka kera

Muri kahise ushobora kuba wari ufitaniye imigenderanire mibi n’abandi kubera iki canke kiriya. Akarorero, ushobora kuba wakunda gutukana n’abo mubana ariko umunsi umwe wigira inama urabiheba. Aho wagize intsinzi ikomeye mu buzima bwawe

2) Ntutinya kurondera uwogufasha (demander de l’aide)

Gusaba ko umuntu agufasha ntibisigura y’uko ataco ushoboye. Ahubwo vyerekana inguvu. Abarundi bobo bavuga bati : "N’umwami yaratiye urushinge". Nta muntu n’umwe yikwije kandi abantu barakeneraniye, rero ntuze utinya gusaba uwugufasha.

3) Ubuzima bwawe wabuhaye ikibanza co hejuru

Ivyo bisigura ko usigaye wanka kugendana n’abantu b’imburakimazi. Ufata ko umuntu yobazwa ivyo yakoze. Eka wafashe intumbero yo kudatakaza umwanya n’abantu ataco bokumarira atari kugutesha umwanya.

4) Warahevye ibintu bituma utumva amahoro

Ubuzima bwa muntu burakeneye amahoro yo mu mutima canke umunezero. Kwiha amahoro n’ikintu nkenerwa mu buzima kandi kuwurondera naco n’ikimenyetso c’intsinzi. Iyo rero wafashe ingingo yo guhakana ico cose kitaguha amahoro nayo n’intsinzi mu buzima.

5) Iyo wiravye ukishima

Hari abantu bagaya uko baremwe bikanabatera isoni kwiraba mu cirori. Ushobora kuba ufise ikintu udashima ku mubiri wawe y’aba amaso, amatwi, amenyo canke umushatsi bituma winegura maze ukiyima ikibanza mu bandi. Utegerezwa guhindura uko wibona maze ukishima ico wahora ubona ko giteye isoni, ukigire ciza.

6) Ntugatinye kunanirwa ( l’échec )

Abarundi barayamze bati :" Kibi si gutemba, ikibi ni gutemba ntuvyuke". Nta muntu n’umwe arigera ashobora gukora ivyo yategekanije kandi bigakunda ijana kw’ijana. Womenya ko ubuzima ari uruhererekane rw’intsinzi n’ugutsindwa ! Gutsindwa rero n’iyo ntango canke inzira yo gushikira intsinzi. Bati : "Hatsindwa uwaburanye" bisigura hananirwa uwagerageje.

7) Urafise abantu benshi inyuma yawe bagushigikiye

Abo bari inyuma yawe bashobora kuba ari incuti, canke abagenzi kandi n’ivyiza, hasigaye ko uraba uko kuntu bagushigikiye, ubanze kumenya ko hashobora kubamwo abakugenza. N’iyo ni intsinzi.

8) Ntukame mu myidogo

Hari abantu bakunda kwidogera akantu kose kabashikiye, uko n’ukwitera umubabaro. Hariho ibintu vyotuma umuntu yidoga nko kubura incuti canke umugenzi wo ku mutima canke hari n’ibindi bikomeye bishobora gutuntuza umutima ariko kurwanya ivyo bintu bitagira akamaro bigutuma widoga biri mu vyerekana ko washoboye gutunganya neza ubuzima bwawe.

9) Ukaryoherwa iyo abandi bariko batera imbere.

Iterambere ry’abandi siryo rituma wewe udatera imbere, aho woba wibeshe. Urashima abategerezwa gushimirwa. Uko uguma uraba ivy’abandi n’ijisho rishima haraho bigutera kwiyumvira nawe uko woshika ku yindi ntambwe.

10) Ntukicarike ingabirano

Urafise ingabirano y’ibintu ushoboye kandi bitandukanye n’ivy’abandi, reka rero kuvyicarika ahubwo uhaguruke uvyereke abandi.


Kumenyekanisha

1
KHADAFI BAVUMIRAGIYE Firmin 29-10-2016 à 20:27

MURAZA MWITANGA KWIZO NDEMESHO, KUMBURE VYOFASHA BESHI.

2
KHADAFI BAVUMIRAGIYE Firmin 29-10-2016 à 20:25

MURAZA MWITANGA KWIZO NDEMDSHO, KUMBURE VYOFASHA BESHI.

3
Hat-ng 18-06-2016 à 20:54

Murakoze cyane, mubwir,uwo muntu yisobera muti sang,abantu bitwa ABAGOROZI bakubwir,Ubutumwa bwiza bwa Bibiliya bakuvure niyo ngwara yawe. Canke urondere kuri Facebook uwitwa Alexis Nkunzimana Victor Hat-ng na Njekubwayo Faustin. Bo mu Kayanza. Tel 69163115 79647084 na 69302825 na 79876255.

4
NDAYISENGA JACKSON 29-04-2016 à 09:33

MWARAKOZE KURIYIMPANURO

5
NDAYISENGA JACKSON 29-04-2016 à 09:32

MWARAKOZE KURIYIMPANURO

6
Niyonyishu. 27-04-2016 à 05:34

Nivyiz kurizo mpanuro,muragahore mutyo.

7
Ndayizeye Adelin 24-02-2016 à 21:10

Tubura Ivyo Dukoresha Canke Imitahe Nayubundi Abarundi Turashoboye

8
niyonteze 24-02-2016 à 20:17

inkuru mwatanze irandemesheje

9
asman sembene 31-12-2015 à 21:51

nimvira ko a tamuntu ataco ashoboye kiretse uri jambo rike.

10
egide nkurunziza 20-12-2015 à 12:53

murakoze can kubamuduhanur Imana ibahezagire,

11
Irakoze Belly 15-11-2015 à 22:21

je nkubu nkund’ishuri cane gusumba ibindi vyose,ariko ngiye gufata kumutwe dukora nkakabaz hakabura paragraphe yinjir.ivyo bikantuntu cane nkaburamahor,ikindi gituma mbura umunezero niyo ndi mubandi nkumva umengo ntamuz iri kuri jewe,kandi mba nambay,nukugira pipi aho ndyamye mwijor kandi kuva mubuto bwanje vyamyuko ubu ngeze nkaba fise 20ans, ivyo bikaba sinziriye mbanje kurota ngo ndi hanze.none none nokor’ik ?kwivyo 2

12
NDAKWE.YE..WARAVUZE.UKURI.ARIKO.NIMUNGIRE.INAMA.JEWENTAKAZI.FISE..KANDI.INGUVU.NDAZIFISE.NIMUMPE.AKAZI.NDABE.KO.NOMERAKABANDI 11-10-2015 à 20:08

MACUMI

13
Scott 8-10-2015 à 10:58

Ego kabisa mwaza mwavuga ukuri nca nibuka umuntu ava muri canada yambariye ati Don’t compare your life to others because you don’t know how you will be tomorrow, yongera ati imbere yuko wipfuza kumera nka naka manza witonde urabe aho birya bintu biva kuko ushobora gusanga ivyo akorara mukazi kamisi yose atarivyo bimuha birya ubona afise ugasanga afise iyindi nzira abikuramwo kandi atopfa kukubwira wamubaza akakubwira ko abikura muri kariya kazi uboneska amaso asanzwe akora umusi mwiza.

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha