IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Yankiwe kwisonzesha none yarungikiwe umutahe ku rupfu rwa Manirumva

Yankiwe kwisonzesha none yarungikiwe umutahe ku rupfu rwa Manirumva

jeudi 17 Mukakaro 2014

Inyuma y’amasaha atatu ariko arumvirizwa n’icariho c’umushikirizamanza mu gisagara ca Bujumbura, Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME aridegemvya, ariko akaba yarungikiwe umutahe wo kwitaba ubutungane kuri uno wa kane ku bijanye n’urupfu rwa Manirumva.

Umushingwamanza Fabiyano Segatwa

Nk’uko tubimenyeshwa n’umushingwamanza wiwe Segatwa Fabien, Gabriel Rufyiri yariko yumvirizwa n’icariho c’umushikirizamanza mu gisagara ca Bujumbura, amusaba umuco ku vyerekeye urugendo hamwe no kwisonzesha yari yateguye kuri uno wa gatatu n’uwa kane. Gabriel Rufyiri yamenyesheje ko yabikoze mu ntumbero yo kwereka abategetsi, ko hariho abantu bimonogoje mu kunyotora amatungo y’igihugu ,ariko umunyagihugu amerewe nabi.

Inyuma y’amasaha atatu yumvirizwa n’icariho c’umushikirizamanza, bahisemwo kumurekura arataha. Umushingwamanza wiwe akatubwira ko umutima ugiye mu nda kuko bari bafise amakenga ko ashobora gufungwa, nubwo atakosa na rimwe yari yakoze. Umushingwamanza yatumenysheje ko iyo dosiye yiwe ivyo bamuhamagariye vyaheze, kuko ntiyariyo kumukurikirana ahubwo yari yo kumubaza ibibazo kugira atange insiguro gusa, kuko nta n’umutahe yari yarungukiwe.

Tubamenyeshe ko kuri uno wa kane, Gabriel Rufyiri ariho aza kwitaba ubutungane yisigura ku vyerekeye urupfu rwa Manirumva. Umutahe wo kwitaba ubutungane akaba yawurungikiwe kuri uno wa gatatu igihe c’isaha 2 z’agatondo, mu gihe igiporisi cari cugarije urugo rwiwe kimubuza kuja kugira imyiyerekano ya wenyene yari yateguye.


Floxella Karire

Messages

  • Komera komera mutama Gabriel naho abantu baguma bagu taxa ivy’amoko tubihoze kuko babura ivyo basigura bagatangura kwinyegeza inyuma y’amako.Burya igikorwa c’ugukura AMASIHA mu kigega is icoroshe.Abangereza nibo bayamaze bati:it takes a man to do a such work.Courage kandi burya abarundi benshi baraushigikiye kandi igihe nikigera n’abo bazofata ibintu mu minwe.

  • Rupfiri akwiy gushigikirwa!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.