Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Yasanze mu bana batanu babiri atari rwiwe
Yasanze mu bana batanu babiri atari rwiwe
jeudi 21 Munyonyo 2013
Mu gihugu ca Cote d’Ivoire hari umushingantahe yamenye ko abana babiri banyuma atari abiwe, akaba yabimenye mu gihe bari bamusavye ibipimo vya ADN kugira uwo muryango wiwe umusange mu gihugu ca Amerika.
Ku musi wa mbere mu buserukizi bw’igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika muri Cote d’Ivoire, umugabo yasanze mu bana bitwa ko ari rwiwe babiri badahuje amaraso inyuma y’igipimo vya ADN. Uwo mugabo yari amaze imyaka mu gihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika, mu nyuma aca atangura gukora ibikenerwa kugira abana n’umugore bamushikire. Umuryango wiwe akaba yari uwo abana batanu. Mu nyuma yararonse ubwenegihugu niko kuja mu gihugu ca Cote d’Ivoire kugira aje kwitorera uwo muryango wiwe. Mu buserukizi bw’Amerika, mu gihe bariko baregeranya ivyangombwa vyose niko kubasaba gukoresha igipimo bise ADN ku muryango wose kugira barabe koko ko ari abiwe.

Mu nyuma agarutse gutora inyishu niho bamubwira bati, mushingantahe nukuri wihangane babiri mu bana bawe ntibizokunda ko baja kuri visa kuko batari abawe. Uwo mushingantahe wamenga n’umupanga bamukubise, niho yaca ahindukirira umugore wiwe kuko yabonye ko yamuhemukiye cane. Agacerere karaba bose babura ayo bacira n’ayo bamira, muri co gihe barataha ivyo kuja kurondera ibipapuro bikurikira, biba birahagaze.
Ubu abatari bake bakaba bibaza ibikurikira mu rugo rwaranzemwo uguhemukiranirana, ndetse umushingantahe bikamuca umutima kuko yavyumvise nabi kandi mu bihe bibi.
Floxella Karire
Messages
22 Munyonyo 2013, 21:10, par vincent
jew ari jew abo bana babiri yomenya iyo abajana
24 Munyonyo 2013, 23:24, par bugesera
oya il faut plutot gerer les problemes mugenzi naha iwacu i burundi rwanda baruzuye!!!!!!!!!!!!
28 Munyonyo 2013, 14:36, par kabura Emmanuel
Ivyo bishitse mu Burundi,abo bana ni abuwo mugabo turavye amategeko agenga ingo.Ariko naho bimeze uko jewe abo bana sinobikura kuko bo ntakosa boba barakoze kugira bavuke muri ubwo buryo.Mugabo n’abagabo ntibera ni uko bigoye kubafata nkuko bafashe uwo mudame.
31 Nzero 2014, 10:43, par kabura
none uwomugabo iyo yaramaze igihe ari ugira wewe umubiri ntiwamugora navyakiruko ntakundi niwe yabaye kure yurugo gwiwe