Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Yavukanye amaguru 4 n’amaboko 4
Yavukanye amaguru 4 n’amaboko 4
jeudi 17 Ndamukiza 2014
Umwana wo mu gihugu c’Ubushinwa yavutse ata meze nk’abandi. Uwo mwana yavutse afise amaguru 4 n’amaboko 4. Hatobaye abaganga ntawuzi uko uwo mwana yokuze.

Ikinyamakuru Global Times co mu gihugu c’Ubushinwa kivuga ko hari umwana yavukiye mu ntara ya Guangdong kw’igenekerezo rya 2 Ndamukiza uno mwaka. Umuganga yakwirikiranye uwo mwana amenyeshako kugira avukane amaguru 4 n’amaboko 4 vyavuye ku kuntu uwo mwana yari kuba ihasa (Jumeaux) ariko ntivyakunda kuko hakuze amaguru n’amaboko.
Yu Jiang abibonye yaciye agerageza kubaga uwo mwana amukurako amaguru n’amaboko abona ko akomeye kuruta ayandi, Ubu rero uwo mwana aradora.
Ibinyamakuru n’insamirizi zo muri ico gihugu bivugako umuvyeyi w’uwo mwana yagiye kwa muganga akatari gake igihe yarafise imbanyi ariko nta numwe yigeze aca ikanda ko umwana ar mu nda ameze uko.
Se w’umwana avuga yitoshanya ati : "Umukenyezi wanje ntiyari kubanza kuvyara umwana ameze uko iyo ndamwitaho kuva agifise imbanyi. Jewe naguma nigira mu kazi ka minsi yose kurondera amahera ariko sindayazane"
Chérif Nkeshimana
Messages
17 Ndamukiza 2014, 20:27, par emmmy
Isi irashaje pee!!