IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Yavukanye amaguru 4 n’amaboko 4

Yavukanye amaguru 4 n’amaboko 4

jeudi 17 Ndamukiza 2014

Umwana wo mu gihugu c’Ubushinwa yavutse ata meze nk’abandi. Uwo mwana yavutse afise amaguru 4 n’amaboko 4. Hatobaye abaganga ntawuzi uko uwo mwana yokuze.

Ikinyamakuru Global Times co mu gihugu c’Ubushinwa kivuga ko hari umwana yavukiye mu ntara ya Guangdong kw’igenekerezo rya 2 Ndamukiza uno mwaka. Umuganga yakwirikiranye uwo mwana amenyeshako kugira avukane amaguru 4 n’amaboko 4 vyavuye ku kuntu uwo mwana yari kuba ihasa (Jumeaux) ariko ntivyakunda kuko hakuze amaguru n’amaboko.

Yu Jiang abibonye yaciye agerageza kubaga uwo mwana amukurako amaguru n’amaboko abona ko akomeye kuruta ayandi, Ubu rero uwo mwana aradora.

Ibinyamakuru n’insamirizi zo muri ico gihugu bivugako umuvyeyi w’uwo mwana yagiye kwa muganga akatari gake igihe yarafise imbanyi ariko nta numwe yigeze aca ikanda ko umwana ar mu nda ameze uko.

Se w’umwana avuga yitoshanya ati : "Umukenyezi wanje ntiyari kubanza kuvyara umwana ameze uko iyo ndamwitaho kuva agifise imbanyi. Jewe naguma nigira mu kazi ka minsi yose kurondera amahera ariko sindayazane"


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.