Accueil > Amakuru > umutekano > Zone Benga : Umuntu avuka mu Kayanza yatowe ikiziga
Zone Benga : Umuntu avuka mu Kayanza yatowe ikiziga
mercredi 13 Mukakaro 2016, par
Umuntu atamenyekanye yatowe ikiziga kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 12 Mukakaro 2016 ku mutumba Karunga, zone Benga, muri Komine Isale. Abanyagihugu begereye ahatowe ico kiziga ntibashoboye kumenya uwo muntu, ariko bakaba bamusanganye ibimuranga.
Nk’uko vyari biri kw’ikarata karangamuntu yari mu mufuko w’impuzu yari yambaye, uwo yatowe ikiziga azwi kw’izina rya NSABIMANA Melchior w’imyaka 41 yavuka ku musozi Rushenza, komine Muhanga, intara ya Kayanza. Musitanteri wa komine Isale avuga ko batanguye kurondeza umuryango wiwe.
- Gilbert NIYONKURU, Musitanteri wa komine Isale
Ikiziga ciwe catowe kibohewe amaboko i mugongo, bikaba vyaboneka ko yishwe anigishijwe umugozi, akaba mbere yari yavuye amaraso mu mazuru. Abanyagihugu hamwe n’abajejwe intwaro muri zone Benga ntibashoboye kumumenya.
Gilbert NIYONKURU, Musitanteri wa Komine Isale amenyesha ko ritabaye irya mbere abantu bagandagurwa, ariko ibiziga vyabo bikazana gutabwa muri komine arongoye. Yatubwiye ko ikiziga c’uwo muntu cabaye kirajanwa mu buruhukiro mu kurindira ko umuryango wiwe womurondera. Mu gihe atawomenya uwo muntu, Gilbert NIYONKURU avuga ko komine izoca imuhambisha, ariko akavuga ko yamaze gutangura kuvugana n’abajejwe intwaro muri komine Muhanga ahavuka uwo muntu, kugira barondere mu miryango uwoba yabuze uwiwe.
IGIHE
Messages
13 Mukakaro 2016, 20:11, par MUYAHUDI
NIHATARI IBIBINTU NTIMUGIRENGO NIKIBAZO COROSHE ICONSABA ABATEGETSI NIBARAB BAHAGURUKIR IVYOBINTU BITARARENGA INKOMBE
13 Mukakaro 2016, 21:07, par Manirambona
Hahahahaaaaa Birababaje Kuvwa UMuntuyishwe Nkuko
14 Mukakaro 2016, 19:42, par Cibitk
Barundi Ncuti Zuburundi Ibuka Yuko Umuntu Atari Iryiturwa Menya Neza Mutagarukiye Ubwicanyi Bwadutse Muriryi Ryihugu Cuburund Muzobibona Kuriwamunsi Yesu Yavuga Yuko Aryiye Kudutegurira Iryibanza Eeee Muragabe Iyisi Iragoye
15 Mukakaro 2016, 20:14, par REVERIEN
IZO NKOZI ZIKIBI ZIRAKWIY GUSHENGEZWA