Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zone Benga : Umuntu avuka mu Kayanza yatowe ikiziga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Zone Benga : Umuntu avuka mu Kayanza yatowe ikiziga

Zone Benga : Umuntu avuka mu Kayanza yatowe ikiziga

mercredi 13 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umuntu atamenyekanye yatowe ikiziga kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 12 Mukakaro 2016 ku mutumba Karunga, zone Benga, muri Komine Isale. Abanyagihugu begereye ahatowe ico kiziga ntibashoboye kumenya uwo muntu, ariko bakaba bamusanganye ibimuranga.

Nk’uko vyari biri kw’ikarata karangamuntu yari mu mufuko w’impuzu yari yambaye, uwo yatowe ikiziga azwi kw’izina rya NSABIMANA Melchior w’imyaka 41 yavuka ku musozi Rushenza, komine Muhanga, intara ya Kayanza. Musitanteri wa komine Isale avuga ko batanguye kurondeza umuryango wiwe.

JPEG - 1.1 Mo
Gilbert NIYONKURU, Musitanteri wa komine Isale

Ikiziga ciwe catowe kibohewe amaboko i mugongo, bikaba vyaboneka ko yishwe anigishijwe umugozi, akaba mbere yari yavuye amaraso mu mazuru. Abanyagihugu hamwe n’abajejwe intwaro muri zone Benga ntibashoboye kumumenya.

Gilbert NIYONKURU, Musitanteri wa Komine Isale amenyesha ko ritabaye irya mbere abantu bagandagurwa, ariko ibiziga vyabo bikazana gutabwa muri komine arongoye. Yatubwiye ko ikiziga c’uwo muntu cabaye kirajanwa mu buruhukiro mu kurindira ko umuryango wiwe womurondera. Mu gihe atawomenya uwo muntu, Gilbert NIYONKURU avuga ko komine izoca imuhambisha, ariko akavuga ko yamaze gutangura kuvugana n’abajejwe intwaro muri komine Muhanga ahavuka uwo muntu, kugira barondere mu miryango uwoba yabuze uwiwe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.