IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > inkuru > ’’Gufasha Aaron NTUNGA bikwiye kuva mu majambo bikaja mu bikorwa’’-Kidum

’’Gufasha Aaron NTUNGA bikwiye kuva mu majambo bikaja mu bikorwa’’-Kidum

jeudi 1er février 2018

Aaron NTUNGA umuhinyanyuzi w’umuziki yakoranye n’abaririrmvyi benshi batandukanye, haba mu barutse mu myaka ya mirongo umunani, aho twovuga nka Matata, Léonce Ngabo, Cédrick Bangi n’abandi,ndetse n’abarutse inyuma yabo nka Appolinaire, Kidumu n’abandi,afise ibibazo vy’amagara amukitse, kuko afise indwara y’umutima.

Amakuru ava mu bamwegereye, Aaron NTUNGA yandikiwe n’abaganga ko igisabwa kugira ubuzima bwiwe busubire kumera neza ari ukuja kwibagisha mu gihugu c’ubuhindi, ibizomutwara amafaranga ashika ibihumbi mirongo itatu vy’amadorare y’abanyamerika (30.000$ ).

Aaron NTUNGA akaba ari mu bubabare budasanzwe, ububabare amazemwo igihe kinini, iyo ndwara ikaba imaze kumutwara uburyo bwinshi.

JPEG - 112.1 ko
Umuririmvyi Jean Pierre NIMBONA, batazira Kidum

Kidum yatumenyesheje ko amaze gutanga intererano ingana n’umuriyoni w’amarundi, akavuga ko ashobora no gutanga ayandi


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.