IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > inkuru > Kidum aratera ivyatsi abamutuka ko yarongowe n’inzoga n’ibiyayura (...)

Kidum aratera ivyatsi abamutuka ko yarongowe n’inzoga n’ibiyayura mutwe

samedi 21 Ruhuhuma 2015

Kidum arababazwa n’amakuru yaciye mu kinyamakuru co muri Kenya camwanditseko ivyo yita ibitutsi. Kidum co kimwe n’abatari bake bavuzwe muri iyo nkuru babona ko ari kumucapfuza.

Ikinyamakuru co muri Kenya citwa "Daily Post" canditse inkuru kw’igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2015, isaha icumi n’imwe n’iminota mirongo itanu n’umwe (17h51), ivuga ko Kidum ahurumbirwa cane n’abagore kubera yiguze ibiyayura mutwe n’inzoga. Ico kinyamakuru "Daily Post" co muri Kenya, muri iyo nkuru canditse ko Kidum amaze gusiba ibiganiro n’abamenyeshamakuru hamwe n’ayandi mahuriro n’abakunzi biwe.

Daily Post candika ko abakunzi ba Kidum bamubajije iyo yari ari nawe akanka kuhavuga ariko ayandi makuru akavuga ko yari yaguye mu mutego w’inzoga n’ibiyayura mutwe. Naho biri uko, ico kinyamakuru ntikigitomora neza igihe ivyo vyaba (ibiganiro yasivye n’ibinyamakuru vyari kugirana ivyo biganiro). Ntikidoma urutoke kandi ku giteramo yoba yarasivye kubera izo nzoga n’ibiyayura mutwe.

Ikinyamakuru Daily Post kirabandanya kikandika ko Kidum yahevye umugore wiwe akarongora inzoga, bakandika kandi ko Kidum ava mu bunywero asimbira mu bundi agerageza kwica akanyota n’agacupa. Daily Post co muri Kenya kirangiza gisaba ibihangange nkawe kwiyunga bakamukura muri ako kabi.

Kidum n’abandi bishuye iki bamaze gusoma iyo nkuru

Kidum ahejeje kumenya ivyo ico kinyamakuru canditse, yaciye kuri facebook yiwe, yandika ati : "Uku niko ibinyamakuru bicafuza umuntu, ndababajwe cane n’ikinyamakuru Daily Post kiriko kinyambika ibara. Sindi no muri Kenya kuva muri Kigarama 2014, ariko bariko bambeshera. Imana ibaharire."

Tubibutse ko Kidum amaze igihe kitari gito ari mu biteramo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, kandi bivugwa ko ivyo biteramo biriko bigenda neza.

Abenshi banditse kuri iyo nkuru ya Daily Post bavuga ko ari urwanko n’ishari bafitiye Kidum. Uwitwa Anna Mpenzi avuga ko avuka muri KENYA ariko aba mu Budagi akora ibijanye n’uguteza imbere umuziki, yandika ati :" Mu mwaka uheze jewe na Mapapa Jr twari dufise urukurikirane rw’ibiteramo vya Kidum ino mu Budagi. Kidum akunda kunywa icayi n’amata. Ntanywa inzoga n’itabi. Inyuma y’ivyo bamwandikako hari ishari. Kubw’ivyo tugiye gutegura urundi rukurikirane rw’ibiteramo vya Kidum i Buraya".

N’abandi bose kuri iyi nkuru bashigikira Kidum bavuga ko iyo nkuru idatohoje neza


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.