IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > inkuru > Kidum yerekanye ko gushwana na Frankie Jo ari ibere ryayaze

Kidum yerekanye ko gushwana na Frankie Jo ari ibere ryayaze

lundi 6 Ndamukiza 2015

Inyuma yo guterana amajambo hagati y’abaririmvyi Kidum na Frankie Joe bapfa amahera y’igiteramo, hama bakandikirane ama "sms’ bavuga ko batoteranywa n’amahera, Kidum yahinduye"photo de profil".

Kidum abandanya yerekana ko ivyabaye hagati ya we na Frankie ari nk’ibere ryayaze, inyuma yo kwandikirana ama "sms", ubu naho yahinduye ""photo de profil". Aboneka rero ari kumwe na Frankie Jo, bose batwenga. Abatari bake batanze ivyiyumviro vy’abo, bamwe bati:" Kidumu ni akarorero keza ariko yereka urwaruka n’urunganwe rushasha. Tuzokwama tukwibuka kandi tuvuga ko uri umuntu yagize ico amara mu gihe ciwe, nawe Frankie hagara nk’umugabo, wereke icubahiro kuri mukuru wacu".

Hari n’uwanditse ati:" Nizere ko yamurishe", uwundi ati:"Ego pe uranyemeje na kare ishavu ry’umutama riririrwa ntirirara, ariko Frank ntace yijajara kandi ari mu makosa"

Tubibutse ko Kidum na Frankie Jo bari bapfuye amahera angana amadorari 2000(2000$) yari yasigaye kuyo Kidum yari guhembwa inyuma y’igiteramo ca Big Brothers Africa cari categuwe na Frankie Jo.

JPEG - 46.3 ko
Frankie Jo na Kidum bariko baharira ku mahera ya Kidum yarasigaye

Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.