IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Sat-B ariteguye gutanga inka 300 y’inkwano kuri Darlene Bunyoni

Sat-B ariteguye gutanga inka 300 y’inkwano kuri Darlene Bunyoni

Friday 29 December 2017, by Jean De Dieu

Sat-B, umuririmvyi amaze kwandika amateka mu muziki w’abarundi aremeza ko ibiri kurubuga rwa twitter ariwe yavyiyandikiye atawamwinjiriye ku rubuga rwiwe.Arongera akavuga impamvu yamutumye yandika ayo majambo y’urukundo.

“Narigeze kuba nkunda utuntu Darlene yaza arandika ku mbuga ngurukanabumenyi ziwe. Ariko nta migenderanire ihari hagati yanje nawe, nukumenyana ntituzinanye.”

Arongera akamenyesha aboba bibaza ko Sat-B yoba yipfuza gusohokana canke kumenyana nuwo mwigeme atarivyo na gato.

“ sinipfuza ko twoja muvyurukundo. Kuba naranditse birya nuko kera nigeze kuba nkunda ivyo yashira ku mbuga ziwe.”

Mukamenya yuko inyuma yagacerere yaramazemwo imisi itari mike, yahavuye asohora indirimbo “Feel love” yakunzwe vy’umwihariko n’abakunzi b’umuziki.

JPEG - 25 kb
Umwigeme Darlene BUNYONI

NKURUNZIZA Huguette

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.