Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Sat-b yacishije amafoto atangaje ku rubuga rwiwe rwa Facebook
Sat-b yacishije amafoto atangaje ku rubuga rwiwe rwa Facebook
lundi 17 Mukakaro 2017, par
Amwe mu mafoto Sat-b yacishije ku rubuga rwiwe rwa facebook, aratangaza bamwe mu bakunzi biwe. Aboneka asa n’uwuriko arakina canke afyina. Ikinyamakuru IGIHE cegereye uwo muririmvyi kugira tubamenyeshe impavu ashira ahabona amafoto nkayo.
Sat-b yatwishuye ko asanzwe afise aho akorera i muhira "Bureau". Ati : "Iyo nakoze, nkenera no kuruhuka. Kuruhuka kwanje si ukuryama ahubwo mpindura akazi. Ayo mafoto mubona mba ndiko ndinezereza n’abo dukorana, dutwenga dukina kugira tugarukane inguvu."
![](local/cache-vignettes/L672xH672/arton18876-90928.jpg?1550801997)
Twamubajije igituma ashima kuzishira ku rubuga rwiwe rwa facebook, yishura ati :"Ivyo nkora vyose ni ivy’abakunzi banje, bobo twamana iminsi yose, ntaco ndi bubahishe mu gihe mbona ko ataco vyica mu migenderanire yanje nabo [abakunzi biwe].
Cherif NKESHIMANA
Messages
3 Myandagaro 2017, 21:58, par niyosaba kamoter
jew ndanerew can kubon atanyegej ifo akazishir ahabon kugir natw abafaz biw tuyohegw gum kumurong sat-ra amabafr namabuy ndak
28 Ruheshi 2018, 09:11, par Eti-b Swagga
Nakomez Kwemez Mur Music Burundiano Turinyuma Dukra