IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Sat-b yatoye iyindi nzira y’ukurondera amafaranga

Sat-b yatoye iyindi nzira y’ukurondera amafaranga

vendredi 13 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Sat-b ntariko aronderera amahera mu muziki gusa, kuko ubu yatanguye kugurisha impuzu zanditseko izina ryiwe. Ico gikorwa yagitanguye mu ntango z’ukwezi kwa Gitugutu, mu ntumbero yo kwngereza uburyo bwo kwikenura.

Muri iyo ntumbero nyene, Sat-b avuga ati : "Munshigikire nanje imyaka nabakoreye ni myinshi harageze ko namwe munkorera ntavyo mubona ?" Arongera ati : "Uwuzoyambara azoba yagize ico anterereye."

Sat-b arashima intango y’urwo rudandazwa, ivyo bikabonekere kuri ibi yashikije : "Tumaze kwakira hafi commandes 1000. Nkeya muzo twatumyeko bokwongereza igitigiri badusaba ko twobaha uwundi mwanya bakazihereza rimwe. Iza mbere twagize essaie zaraye zirangiye zose, rero turasavye mwese mwaduhamagaye gutenyenya gato mu minsi mike zizoba zadushikiriye murakoze kudutegera no kubana natwe."

Twarondeye Sat-b kugira aduhe umuco ku bijanye n’ibiciro hamwe naho abazikeneye bozironderera, ariko ngendanwa yiwe yari izimije. Naho biri uko, twemeye kubandanya tumubarondera atange uwo muco.


Cherif NKESHIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.