IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Spok’s > Spok’s yasohoye ururirimbo yidoga ku mabi y’amahera

Spok’s yasohoye ururirimbo yidoga ku mabi y’amahera

mercredi 23 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu gihe hari haheze iminsi itari mike Spok’s adasohora indirimbo, uwo muririmvyi yashize ahabona ururirimbo yise "Amahera". Nk’uko vyumvikana muri urwo ruririmbo, Spok’s atangura aririmba ubuzima yari abayemwo atarayaronka, ico gihe akavuga ko yari afise abo aganyira.

Abandanya aririmba ko amaze kuronka akazi, akoronka amahera, yaciye yibagira bamwe yahora aganyira hama atangura "kugara". Spok’s ati : "Amahera arahindura, bayita amapesa, uyafise uratesa. Akoresha amakosa ayo mapesa, hari n’abavukana batakivugana kubera ayo mahera".

Tubibutse ko Spok’s ariwe yatsindiye ihiganwa rya Isanganiro Awards ryabaye mu kwezi kwa Nyakanga umwaka w’2016. Hakaba himirije ihiganwa rya Isanganiro Awards ku bw’igice ca gatandatu ari naho hazotorwa uwuzosubirira Spok’s.

Ururirimbo "Amahera"


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.