IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Spok’s > Spok’s yatanze ubutumwa inyuma yo gusohoka ibitaro

Spok’s yatanze ubutumwa inyuma yo gusohoka ibitaro

lundi 9 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu butumwa yatanze igihe yari avuye gusenga kuri uwu w’Imana, yagize ati : "Icubahiro kibe ic’IMANA yo yankijije Malaria yari imazeko imisi, ubu nakize meze neza naraye nsohotse ibitaro murabona ko mvuye gusenga."

Arongera ati : "Nagire mfate akanya nshimire cane incuti n’abagenzi umwe wese mu cubahiro ciwe ku kuntu mwambaye hafi aho nari ku musego. Ndashimiye abigoye bose bakahashika n’abavyiyumviriye bakabura akanya, abansengeye bose, n’abanyandikiye bose ubutumwa bw’indemesho."

JPEG - 82.2 ko
Spok’s avuye gusenga kuri uwu w’Imana

Spok’s avuga ko naho vyari ibihe bigoye yarabonye ko afise abakunzi benshi, arongera ati : "Muri benshi cane vy’ukuri narabonye ko mumfise ku mutima, ubutumwa bwanyu ( sms) mbandanya ndabusoma naho ari bwinshi kandi bwose nzobwishura."

Baba abamusuhuje canke abatabikoze, Spok’s ati : "IMANA ibampezagirire kandi mumenye ko ndabakunda cane."

Tubibutse ko Spok’s yahora arwariye mu bitaro vy’ababikira biri hagati mu gisagara ca Bujumbura.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.