IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Spok’s > Spok’s yasohoye ururirimbo rwatwaye izina rw’urukurikirane

Spok’s yasohoye ururirimbo rwatwaye izina rw’urukurikirane

vendredi 20 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

"Ndakumbuye Iwacu" yaraye isohotse inyuma y’iminsi mikeyi hagiye ahabona urupapuro ndangagiteramo rw’ishirwa ahabona ry’urukurikirane rwitiriwe urwo ruririmbo. Rubaye kandi n’ururirimbo rwa nyuma rwugaye urukurikirane rwiwe rwa mbere.

Spok’s avuga ko urwo ruririmbo rufise ubutumwa bukomeye narirya buvuga ubuzima bw’umuntu atari mu gihugu c’amavukiro yiwe. Ati : "Ivyiza Uburundi bufise ni vyinshi cane. Iyo uri mu gihugu haraho atavyo ubona, canke ukavyirengagiza. Ariko iyo uri mu mahanga, niho rero uheza ukabona ubwiza bw’Uburundi. Imico n’akaranga ndundi biri mu bituma uca ukumbura igihugu."

JPEG - 191.9 ko
Umuririmvyi Spok’s

Urwo ruririmbo rusohotse mu gihe Spok’s asanzwe ari mu gihugu ca Kenya, ari naho rwasohokeye.

Tubibutse ko igiteramo gikomeye co gushira ku mugaragaro urukurikirane rwa mbere Spok’s kizoba kw’igenekerezo rya 12 Munyonyo 2017 kuri Star Hotel.

Umviriza aha munsi uririmbo "Ndakumbuye Iwacu" rwa Spok’s rwatwaye izina ry’urukurikirane.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.