IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Isuku > Akamoto kabi kumvikana inyuma yo guhuza ibitsina koba kava kuki?

Akamoto kabi kumvikana inyuma yo guhuza ibitsina koba kava kuki?

vendredi 8 Rusama 2015

Inyuma yo gukora imibonano mpuzabitsina canke amabanga y’abubatse, hari akamoto kabi kumvikana. Ivyo rero haraho bituma urukundo rugabanuka ku babigize bakundana. Ku bandi n’abo gushakana birahera canke bikagabanuka. Ako kamoto kabi koba kava kuki?

Mbega abahinga mu bijanye n’ibibonano mpuzabitsina canke amabanga y’abubatse babivuga ko iki?

Sara Gottfried, ni umuhinga kandi yanditse n’igitabo yise "The Hormone Resert Diet". Uwo avuga ko akamoto kabi canke kunuka, vyumvikana inyuma yo gukora amabanga y’abubatse canke guhuza ibitsina biva mu ntanga z’umugabo (spermatozoides), gukoresha agakingirizo, canke mu mazi ari mu gitsina gore hamwe no mu cuya kiza muri ico gihe.

Sara Gottfried asigura avuga ko intanga z’umugabo ziri mu murwi wa "Alcalin"(umurwi w’amaraso afise urugero runini rw’ico bita "Potentiel d’Hydrogene(pH), nayo arya mazi ari mugitsina gore ari mu murwi wa "acides" kuko afise urugero ruto rwa pH, iyo rero izo ntanga zigiye muri ya mazi ari muri ca gitsina haba hahuye ibintu 2 bidasangiye umurwi(pH) ari naho haca haza akamoto kabi canke umunuko. Biravana kandi n’urugero rwa pH umuntu aba afise, mu mubiri wiwe, haraho usanga umuhungu afise "Alcalin" nkeyi, umukobwa nawe agafita acide nyinshi, ico gihe nta munuko canke amakamoto kabi kumvikana.

Darius A. Paduch, nawe avuga ko akamoto kabi gashobora guturuka ku gakingirizo ( préservatif)kaba kakoreshejwe kuko kenshi na kenshi harumvikana akamoto kako. Ku bakobwa canke abagore biravana n’isabuni bakoresha, canke ikindi akoresha mu kwoga mu gitsina ciwe, hamwe n’imfungurwa, birashobora guhindura ya pH twababwira bisigura ko kumota nabi bishobora kwiyongera canke bikagabanuka.

Iyo rero umukobwa canke umugore eka n’abagabo bamaze kumenya ko afita umunuko mubi iyo ahejjeje kugira abanga y’abubatse canke imibonano mpuzabitsina boja kwa muganga.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.