IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Isuku > Bumwe mu buriro bwo mu gisagara ca Bujumbura burangwamwo isuku (...)

Bumwe mu buriro bwo mu gisagara ca Bujumbura burangwamwo isuku rike

mercredi 22 Ndamukiza 2015

Mairie ya Bujumbura n’ubushikiranganji bw’amagara yabantu butahagabiye isuku rike rirangawa mu buriro bumwebumwe bwo mu gisagara ca Bujumbura buriha inkumbi.

Mu gisagara ca Bujumbura haribonekeza ibibanza vy’uburiro (restaurent) bishobora kuba intandaro y’ingwara z’ivyaduka na cane cane kusanga bitari mu kibanza cabigenewe, kandi bigategurwa mu buryo atasuku irangwamwo. Ibibanza bimwe bimwe twotangako akarorero, akaba ari ico kw’isoko kwa siyoni (city market) harangawamwo uburiro butandukanye uravye hirya no hino, harangwa isuku rike n’iyarara, n’ibindi vyinshi binuka nabi, cane.

Uravye uko izo mfungurwa ziteguye rero, yaba mu guharura ibijumbu, ibitoke ibiraya hirya naho amasahani ariko arozwa, amazi aba yoza ayo masahani asa nabi cane kuko ay amazi, aba ari make cane. Babandanya batubwira ko kugira bashobore kubaho canke bagerageza gukoresha uburyo buke, kandi ko ivyo arivyo bibanza boshobora gupanga, bijanye n’amikoro make yabo.


Bill Nkurunziza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.