IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Isuku > Impanuro ku bafise ingorane z’amakomoto kabi mu gitsina-gore

Impanuro ku bafise ingorane z’amakomoto kabi mu gitsina-gore

mardi 26 Rusama 2015

Hari bamwe mu bagore canke mu bakobwa bafise akamoto kabi kava mu gitsina cabo, bagerageza mu kugira isuku ako kamoto kabi kaveho, ugasanga bakabikora nabi.

Muganga Butoyi Alphonse, ni umuganga akomeye mu kuvura indwara z’abagore mu Bitaro La Crois du Sud mu gihugu c’Ubuganda. avuga ko kizira kwipompa amavuta amota nk’uko benshi bashaka kubikora uko. Mu gitsina harimwo imigera (microbie saprophytes) ishinzwe kuhasukura n’iyindi ishinzwe kuharinda. Iyo umuntu akoresheje amasabune mu gusukura igitsina, bituma za microbe zipfa kandi ntizongere kuronka ubushobozi bwo kuhacunga. Muganga Butoyi ati : "Akamoto kabi ko mu gitsina iyo atari umwanda kaba gaterwan’indwara zitandukanye, abagore n’abakobwa basukura mu gitsina cabo bakoresheje amazi bikanka hakaguma hamota nabi, bategerezwa kwihutira kwa muganga, babarabire ikibitera.”

Uwo muganga avuga umugore canke umukobwa usukura igitsina ciwe ategerezwa guhera imbere ajana inyuma (mu gisusu) kuko niho haca imwanda mubi, uramutse ushitse mu gitsina ushobora kuhatera indwara zitandukanye. Hari ubwoko bw’indwara nyishi zishobora gutuma mu gitsina haba akamoto kabi, aha tuvuga nk’iziva ku miti imwe imwe ituma abasirikara bajejwe ico gikogwa basinzikara, nkimiti ya SIDA, ya Diabeti, gukoresha amasabune atandukanye n’ibindi.

Muganga Butoyi, agira inama abagore n’abakobwa yo kuja bambara twaduhuzu two munsi dukozwe mw ‘ipampa(Coton100%), kuko ari yo abika ubushuhe ntibwijire mu gitsina kugira bwice imigera ishinzwe kuhacunga . Abagore n’abakobwa kandi bagirwa inama yo kumesa utwo duhuzu two munsi mu mazi meza, no kutwanika ku zuba, abatabishoboye bakatugorora mbere yo kutwambara.


Bill Nkurunziza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.