Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hoba hahindutse ubuhungiro bw’abasuma canke inyubakwa ya surwumwe? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Isuku > Hoba hahindutse ubuhungiro bw’abasuma canke inyubakwa ya surwumwe?

Hoba hahindutse ubuhungiro bw’abasuma canke inyubakwa ya surwumwe?

vendredi 6 Ruhuhuma 2015

Kuva isoko ya Bujumbura ihiye igatokombera mbere ahari iyo soko hagaca hazibizwa amabati, abasuma barayatobaguye, ayandi arahenurwa, abasuma n’abituma muri ico kibanza baca barwira.

Mu masaha yo mw’ijoro nk’uko vyemezwa n’abaporisi bacunze iyo soko canke abanyagihugu baca hafi y’ikibanza bita Plaza babivuga, abasuma baragisibije mu kwiba abahita. Amaterefone, udusaho tw’abigeme, amafaranga n’ibindi, bikaba vyibwa n’abasuma bivugwa ko boba bagize aho hahoze isoko nkuru ya Bujumbura nk’icumbi ryabo ridasanzwe.

Abatandukanye bayaze n’ikinyamakuru IGIHE, baremeza ko abasuma barwiriye rwose, kandi ko basigaye biba imbonankubone. Ababangamirwa cane bakaba ari abakenyezi co kimwe n’ingenzi ziba zivuye hagati mu gihugu eka n’abanyamahanga. Abo basuma rero, bahejeje kwiba mu masaha yo mw’ijoro, bakaba biruka kwinyegeza aho mu bisigarira vy’iyo soko. Igihe twaca kuraba aho havugwa ko hinyegeza abo basuma, tukaba twahasanze ubuyira nka bwose binjirana bwuzuye amazirantoke n’iyindi myanda itandukanye, inuka rwose. Abana bato bakavura, baja hafi y’inzira nkuru yinjira aho hahoze isoko.

Abanyagihugu bayaze n’ikinyamakuru IGIHE, bagasaba abarongoye igisagara ca Bujumbura ko bosubira kuzibira amayira yinjira muri iyo soko, kugira abahakoresha nk’ikibanza ca surwumwe canke ikibanza c’ubuhungiro bw’abasuma bateshwe. Ku bwabo, uretse ko amagara y’abantu co kimwe n’ayabaporisi bahacunze ashobora kuhasinzikarira, eka n’abo basuma baragisibije, kuko bivugwa ko benshi ariyo baba, kandi bakaba banafise ibikoresho vyica nk’ivyuma canke imbugita.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nakamaramaza kubona igisagara cacu kiba uko....ahantu hatunze benshi..........None Saidi djuma aguma apakira irya nda yiwe narya mazuru nki pine aho gusukura igisagara nisoko baturiye nyeneeeeee................ Imana niyo vyose irababonaaaaaaaaaaaa

  • Hiiiiiii uyo muvyindi unkuyeho hahhaha ,,,,,,,,,,aba photographe nta seseme bafise kweriiiiii hhhhhhhhhh

  • mwiriwe. Uwo wamazuru nki pine yoba ari mubayituriye nkuko wabivuze? Ariko Nagira nkubuze gutukana witwaje imana.
    imana ntivutse kuntawaro yabamazuru .igiye cayo nicagera nabutuzuru Ngira bazobazwa ibihagije. sinzi ko woba ukuze canke ukiri ikibogera bere ou ikodavyi.muga nibazako uvuga ivyo utahura

  • @ NGARUKO, UFISINGORANE KUBWOKUBERA ABANTU BAFISE AMAZURU NABAFIZE INDA!?.

  • Mana Uribuka Amarira Y’abarundi Kubwirya Soko Urazomenya Ingene Usubiza Munkoko Abayituriye Nabo Bameny Ko Batazama Bidicmiy Mana Tabara.

  • Nyakuri abarundi twararushe ntaworeka gutwarwa nagashavu nibikoreka aho nyene iwacu mugihugu bikorwa nabo bagabo nyene twita ko barekuza amazuru ...natwe duufise ayasumba ubunini aayo urikwibaza ....nibutse amatungo yaaasesekeye muri iyo soko ari mission ya mere de la ville nabamukuurira vuga make rero..... ntamvuraa idahita kandi ikIdavyi niwewe w a gisambo cumu DD UMUNTU WESE AGUSHIGIKIYE NIGISAMBO MWARAPANUTSE AMADA MWABICANYI MWISHE IGIHUGU CIZA BUCA TWAMBARA MA BOMBE TUMARE

  • Nyakuri abarundi twararushe ntaworeka gutwarwa nagashavu nibikoreka aho nyene iwacu mugihugu bikorwa nabo bagabo nyene twita ko barekuza amazuru ...natwe duufise ayasumba ubunini aayo urikwibaza ....nibutse amatungo yaaasesekeye muri iyo soko ari mission ya mere de la ville nabamukuurira vuga make rero..... ntamvuraa idahita kandi ikIdavyi niwewe w a gisambo cumu DD UMUNTU WESE AGUSHIGIKIYE NIGISAMBO MWARAPANUTSE AMADA MWABICANYI MWISHE IGIHUGU CIZA BUCA TWAMBARA MA BOMBE TUMARE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.