IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ico ubivuzeko > Benshi bavugako ubukene ari indwara yandukira

Benshi bavugako ubukene ari indwara yandukira

jeudi 21 Ruhuhuma 2013

Abatunzi kenshi usanga binuba aboro,bakabigira kure ndetse n’abantu b’uburyo bukeya usanga bikumira bakagendana n’abo banganya uburyo canke n’abo banganya igihagararo.Ivyo rero biri kw’isi yose.Umuntu yokwibaza nimba abatunzi batinya ko ubukene bubandukira.Ni bwaba bwandukira ,mbega aboro bobo nibipfuza ko ubutunzi bubandukira?

Aba sokuru bobo bari baravyitegereje barabona ko kwicarana n’uwo mutangana bigoye cane kuko wasanga no mu manza bicarika abantu baravye igihagararo bafise,uko bambaye canke naho bakaraba ico amaze haba ku rwego rw’igihugu rw’intara no gushika ku mutumba.

JPEG - 13.8 ko

Bamaze kubona ko bimeze gutyo baca batangura guca imigani ihanura abantu kugendana canke kwicarana n’abo bangana.Iyo migani bayica kandi mu ntumbero yo guhanura abakuru kugirango begere abantu batobato, canke naho iyo babonye umuntu akumiriwe kubera igihagararo afise baraca umugani werekana vyategerezwa kumera gutyo.

Imigani twashoboye kuronka nayo n’iyi:

-Abatanganya amatako ntibotana

-Hayaga abangana

-Udusiga tungana dutorana inda

-Iminwe itangana ntiramukanya


Marie Claire Ingabire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.