IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ico ubivuzeko > Umwanya "Rouge à lèvres" ishobora kumara

Umwanya "Rouge à lèvres" ishobora kumara

mardi 2 Ndamukiza 2013

Amarangi yo kwisiga ku munwa amwe bita’’ Rouge à lèvres’’ ari n’akamaro kanini mu kugira umuntu aboneke neza ari mwiza.Ni gake usanga mu ma sakoshi,mu bubati bw’ibiro,ku meza,canke hamwe mu bwogero hatariyo ayo marangi yo ku munwa .Ariko rero,biragoye kumenya ryari ya rouge à lèvres yahereye,mbega rouge à lèvres imwe ishobora kumara imisi ingahe ?

Ni gake ubona agacupa kayo kose kaheze .Mu bisanzwe ,Kugira irinde ihera nuko uba wayikoresheje kenshi cane.Mugabo ikibazo uyikoresha incuro zingahe?

Umuhora wa Birchbox warakoze ubushakashatsi kuri ikibazo hama uca ishiraho umurwi kugira bagerageze ku vyishura.Bahereye ko umunwa w’umuntu tugereranije upima imilimetero 55 .Baciye batora ama’’ Rouges à lèvres ‘’ane kugira bayagireko ivyigwa.

Ukwihangana rero kwari gukenewe cane kugira bace uturongo ku gipapuro tureha nakwakuntu umunwa ungana ni ukuvuga za mirimetero 22 .Basanze ko tugereranije ,inyishu yatanze ko’’ I rouges à lèvres’’ imwe kugira ihere iba yakoreshejwe incuro 293,ivyo bikaba biharurwa mu mezi atatu uyisiga gatatu ku musi aho rero indwi yose n’aya misi y’akaruhuko irimwo.

Rero,biragoye gukurikira urwo rugero.Hamwe n’amabara menshi baduhaye, ni gake umuntu aguma yisiga ibara rimwe mu kiringo kingana gurtyo kwose. Kenshi usanga iyo twisize uno musi usanga ejo twahinduye niyo mpamvu rero uca usanga imaze igihe kirekire cane.

(...)Kenshi usanga ,agakoni kamwe ka ‘’Rouges à lèvres’’gashobora kumara umwaka umwe canke urenga.Kenshi usanga ku gapapuro kinyuma hariko igihe izohagarikwa gukoreshwa, igihe wamaze kuyugurura ,kenshi rero urashobora kwongereza igihe cayo co kubaho mu kuza urayugara neza igihe uhejeje kuyikoresha.Ico mwomenya co ni uko Ama rouges à lèvres atigera apfa kubera mu bintu biyikoze ata mazi arimwo.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.