IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ico ubivuzeko > Isi yuzuye ababiririra n’ababirirana

Isi yuzuye ababiririra n’ababirirana

dimanche 9 Kigarama 2012

Udafise aba ahangayitse arondera kuba nk’abandi, uwaronse nawe aba ahangarikishijwe n’itunga ryiwe kugirango abandanye atere imbere. Udafise afise ibimuriza, n’ufise nawe arafise ibimuriza.

Gusa ico nabonye mu buzima bwa minsi yose, nabonye kunezerezwa nuko uri arico kiruta vyose .woba nawe uhangayikishijwe n’uko udafise amafaranga menshi ? yewe ntibiguteshe umutwe kuko ntawuyahaga. Ego simpakanye ko afise akamaro ariko mbona ko adakwiye. Umve nawe yavuze atiUyafise yoyagura uburiri ariko ntiyoyagura itiro, uyafise yoyagura ibitabo ariko ntiyoyagara ubwenge, uyafise wocungererwa umutekano ari ntiwogura amahoro, iyo uyafise ugwiza abagenzi ariko ntibikubuza kuganya, uyafise wogura ubucuti ariko ntiwoyagura urukundo,uyafise wozunguruka isi ariko ntiyogufasha no kuzorunguruka mw’ijuru,uyafise woyagura ibituma ubaho ariko ntagiturire woha urupfu rwaje ngo rukureke.

JPEG - 41.2 ko

Nico gituma umuntu wese ategerezwa kunezerezwa nuko ari.

Ego ntibikubuze gukura amaboko mu mpuzu ngo akore ibikorwa vyo kwiteza imbere n’abiwe mbere n’igihugu cose muri rusangi. Ariko kwamana amaganya sivyo vyotuma uronka uretse ko n’uwaronse n’ubundi nawe arira . wewe ubivugako iki.


Joel Sengurebe

Portfolio

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.