IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ico ubivuzeko > Intwaro nziza ni iki

Intwaro nziza ni iki

jeudi 17 Nzero 2013

Intwaro n’ikintu kigoye gutahura kuko bamwe n’abandi basigura iryo jambo ugutandukanye,umuntu wese ugasanga arisigura iryo jambo intwaro uko avyunva,mbere hari n’aho insiguro zitangwa usanga zirimwo ibihushane.

Ariko rero n’aho insiguro z’ijambo ubutegetsi usanga zitandukanye ,benshi usanga barisigura begereza gutwara neza.Baba abari mu bisata vya leta canke mu bigenga ,amajambo bahurirako mugusigura intwaro ni:ukuba ufise ivyiyunviro birashe kandi bishika kure,ukugira uburenganzira bwo gufata ingingo,kugenzura no kuraba ko ivyakozwev arivyo vyategerezwa gukorwa,n’ukugira kandi ibisata bitandukanye ukurikirana,mu ntumbero canke mu mugambi uba wihaye.

Intwaro nziza kandi ihamagarira umurongozi canke abo basangiye gutwara kuba umuntu yitwararika ineza y’abo atwara kandi akaba umuntu yumviriza akongera akorohereza abo basangiye ico gikorwa co kurongora abandi.

Intwaro ziri ubwoko bwinshi ariko izikunze kuvugwa cane n’ugutwara ishirahamwe ry’ ubudandaji ,n’ugutwara mu vya politique,ugutwara amashirahamwe ya leta canke ayigenga.

Mu gutwara mu vya politique harimwo gutwara ku rwego mpuza makungu,gutwara akarere no gutwara igihugu,ivyo rero bikorwa mu busumbasumbane bivanye n’ikibanza umwe wese aba afise muri iyo ntwaro.

Intwaro rero yerekeye:

- gutunganya ivy’igihugu ku neza ya bose

- Gutwara amashirahamwe yaba mpuzamakungu ,yo mu karere canke yo mu gihugu

- Gutwara amahinguriro canke ayandi mashirahamwe y’ubudandaji

- Gutwara amashirahamwe y’imibano canke yo kwiteza imbere.


Marie Claire Ingabire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.