IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ico ubivuzeko > Ntawutagira akamaro

Ntawutagira akamaro

mercredi 6 Ruhuhuma 2013

Burya umuhezagiro uva ku bana ntuterwa nuko umwana ari umuhungu canke umukobwa. Hari abantu bamwe bamwe usanga badaha abana agaciro kangana , ugasanga umwana w’umuhungu niwe afise ijambo mu muryango, ngo azogirira akamaro kanini umuryango wiwe.

Usubiye inyuma mu mico ya kera , umwana w’umuhungui yari afise agaciro kurusha umukobwa kuko nk’akarorero kera ngo vyari imbonekarimwe ko umukobwa ajanwa mw’ ishure umuhungu ahari.

Ikindi ngo kera umwana w’umukobwa ntivyari vyoroshe ko agira ijambo ku matungo y’abavyeyi biwe canke ngo atange iciyumviro aho abasore bari ; n’ibindi vyinshi vyagaragazaga ko umwana w’umukobwa adahabwa agaciro nka k’umwana w’umuhungu.

Ikimaze kugaragara nuko ivyiyumviro nk’ivyo atari ukuri kuko haraho usanga umwana w’umukobwa agize akamaro kanini kurusha umuhungu, kandi ashobora kwigana n’abahungu benshi akabarusha amanota meza .Umwana w’umukobwa arashobora gukora ibintu umuhungu adashobora gukora.

Nico gituma rero abavyeyi bitwaza ubusumba sumbane ku bana bafatiye ku bitsina bakwiye kwisubirako, bakumva ko umwana wese ari nk’uwundi kandi bagatahura ko ata mwana adafise akamaro kuko umuhezagiro uva ku bana , ntuterwa nuko ari umuhungu canke umukobwa.


Joel Sengurebe

Messages

  • Agatekararakenewkuribo’ariko,hakabamwo-itandukanirokumuhungu-numukoabwa-kk-biranaknew’k’umukobwah’agaciro-umuhungu.

  • Nivyo umukobwa n’umuhungu bose barangana kuko bose n’abana, n’ingabire duhabwa n’Imana. Ariko ikibazo aho gihagaze n’aha: N’uko abakobwa bashaka gufata ku nguvu ikibanza c’abahungu mu buzima bwa misi yose. Ivyo bikavyara n’umwumikano muke iyo bagiye kwubaka izabo, kuko bagenda bitwaza ngo umugore angana n’umugabo. Mu vy’ukuri, umukobwa canke umugore afashe ikibanza ciwe Imana yamuhaye mu muryango no mu kibano, abahungu na ba se babo nabo bikaba gurtyo, ntihaba hakibaye "UBURINGANIRE BW’IBITSINA" nkuko benshi bibesha. Ahubwo haba "UKWUZUZANYA". None burya, umuhungu azoteba yibungenge avyare? Twemere umukobwa afate umusumeno yirirw’arabaza imbaho mw’isaramara ngo n’uko bose bangana? Burya no kwambara nk’umugabo ur’umugore canke umukobwa nk’uko tubibona ubu, n’icaha kibi gihanwa n’IMANA(Deut 22: 5, 1Tim. 2: 9). Ivyo vyokuvuga ngo kera abakobwa ntibiga, sivyo. Kera nta mashule yariho. Uburundi bwari bubayeho ku bundi buryo gushika ku muzo w’abazungu. Aho abazungu baziye gushika mu myaka ya vuba, amashule yari make. Henshi amashule yigisha abana gushika mu wa 6 yari ku maparoisse gusa. Abakobwa baba hafi ya paroisse bariga. Abahungu vyari ngombwa ko baba benshi, mu mashule, kuko nibo bari bategerezwa kuzokora vyinshi mbere vy’inguvu kugira ngo igihugu kigere aho kigeze. Wibaze nawe, iyo abahungu b’i Burundi baza kwigumira muhira, abagore n’abakobwa bakaba aribo baja kwubaka amaparoisse, ibiro vy’abazungu b’ababiligi, kuja muri za ntambara z’isi yose, kwirirwa bayerera inyuma y’abazungu, kwikorera imizigo, kuja kwiga mu Rwanda, n’ibindi ntavuze. Uburundi buba bumeze gute? Umugani w’ikirundi uvuga ngo : IGIHUGU KIRABA KIBI KIGATUKWA ABAGABO. Ubu hariho vyinshi abagore n’abigeme bashobora gufasha, ariko mu gutangura, vyari ngombwa ko abagabo aribo bitanga. No mu bazungu ntibaze bakubeshe, hatanguye abagabo mu bikorwa vyose vyo gutez’imbere ibihugu no kuja mu ntambara, ariko ubu n’abagore barimwo, barakorera ibihugu. Soma no muri Bibliya usanga ingabo zagwana bar’abagabo gusa, ariko ubu hariho abasirikare b’Abanyisraelikazi. Navyo nyene bifise ingaruka idashimishije mu mubano, kuko ikibanza c’umugabo n’umugore kirazwi mu muryango no mu kibano. Wibuke kandi ko ata n’imyaka irenga 10 irahera dufise amashule menshi mu Burundi nkuko biri mur’iki gihe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.