IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ico ubivuzeko > Ni gute wohanura mugenzi wawe afise akamoto kabi

Ni gute wohanura mugenzi wawe afise akamoto kabi

vendredi 19 Ndamukiza 2013

Umuntu mukorana afise ingorane y’isuku rike nko kunuka mu kwaha aboneka nk’indoto mbi mu biro iwanyu.Mbega twokora gute kugira dusangire ubwo buzima bw’akazi n’uwo muntu afise akamoto kabi?

Ng’izi impanuro :

Ibice 32 kw ’ijana vy’ abakozi bo mu biro babona ko iyo hari umuntu mukorana afise akamoto kabi mu kwaha ngo n’inki ndoto mbi nk’uko twabivuze.None umuntu yokwifata gute imbere y’iyo ngorane? Ibintu nk’ivyo rero kugira ubitorere umuti bisaba ubwitonzi bwinshi cane n’ubwenge kugira ntubabaze mugenzi wawe.

Kugira rero umwumvishe ukuntu ukwo kunuka kwiwe ko kubabuza amahoro ,nimwirinde nko guca mushira ku meza bimwe bisiga mu kwaha bimota twita "deodorant" imbere y’uko ashika ku kazi canke ngo kumwandikira ubutumwa buca ku buhinga ngurukanabumenyi akabusangako bikamubabaza cane .
Alexandre Dubarry umuhinga akaba yarananditse ubu buryo bw’ukuntu wobwira umuntu ko anuka mu kwaha aratwereka urufunguruzo rwo kubikora kugira ivyo bintu bihinduke mu bugwaneza.

Imbere ya vyose utegerezwa kumenya mbega uwo muntu yoba abigira kugira acokoze,canke kugira yikumire canke ntazi ko niyo ngorane ayifise,canke ugasanga n’indwara arwaye?Mbega iyo ngorane umuntu yoyitorera inyishu gute?Utarinze ku mubaza ubwo nyene banza wiyumvire inyishu yoguha iyo ari yo?

Mumaze gutahura iyo ngorane ni mwishire mu kibanza c’uwo muntu hama muganire.Guma mutekanye hama umusabe ko mwobonana ahandi Atari mu biro aho abandi mukorana batabibona ahantu muvuga atakibumva.Amajambo rero kizira kuvuga ni nka:

Uranuka ,biranduhishishije mu biro haranuka ndarushe no kwumva umunuko wawe

Aho niho wavuga gurtyo n’ukuri bitazohera mushwanye atanico mwashitseko..

Ahubwo tegura akajambo kibanze aho kushoka ududurirako ico wari umukenereye

Ukamubaza uti uremeye ko tuvugana ibintu bitanezereje na gato ngomba ndakubwire bimbujije amahoro?

Ndashaka ko tuvugana ikibazo kindaje ishinga wonyemerera ko tuganira?

Uremeye ko tuganira tubwizanya ukuri ata kurya umunwa

Birakenewe cane ko ukoresha amajambo meza aho gutukana canke ukamusuzugura kandi n’ukuguma utekanye uraba ingene yifashe.

Kumwereka ko mufatanije kugira mutore inyisho y’iyo ngorane

Ubundi buryo wokoresha kugira uwo mukorana ahindure ingendo n’igihe umubwiye ngo ni gute umuntu nkawe asa neza gurtyo,yifata neza,akunda akazi nk’awe ashobora kuba atumva ingene agora abandi kubera ako kamoto kabi kawe.

- Inyuma ya vyose mwereke ko ushaka kumufasha .Mwereke ko ushaka kumufasha kandi umutahure kuko namwe usanga muhora muhura n’ingorane y’akamoto kabi rimwe rimwe


Floxella Karire

Messages

  • Iyo nkuru mwashikirije itanga impanuru kubantu bose bashobora gushikirwa n’iyo ngorane. Nashaka ndabarangire umuti w’iyo ngwara kuko hariho n’abandi bamaze kuwukoresha kandi umunuko ugahera. Uwoba afise iyo ngorane nomuhanura ko ashobora kuyikira mugihe yokoresha indimu mumwanya afashe douche, arafata isabuni ubwambere akisiga umubiri wose nkuko bisanzwe bigenda umuntu ariko yoga, ahejeje akisukira n’amazi agakurako yasabuni ku mubiri, ahejeje aca afate igipande c’indimu agasiga mumaha. Ivyo abikoze imisi indwi azobona ko hariho icahindutse.

  • Iyo nkuru mwashikirije itanga impanuru kubantu bose bashobora gushikirwa n’iyo ngorane. Nashaka ndabarangire umuti w’iyo ngwara kuko hariho n’abandi bamaze kuwukoresha kandi umunuko ugahera. Uwoba afise iyo ngorane nomuhanura ko ashobora kuyikira mugihe yokoresha indimu mumwanya afashe douche, arafata isabuni ubwambere akisiga umubiri wose nkuko bisanzwe bigenda umuntu ariko yoga, ahejeje akisukira n’amazi agakurako yasabuni ku mubiri, ahejeje aca afate igipande c’indimu agasiga mumaha. Ivyo abikoze imisi indwi azobona ko hariho icahindutse.

  • Sha jewe ndazi umukobwa mwiza kandi canee gose afise akamoto kbabi hosee mukanwa ..umunwa wiwe wama ujojota ufise ibintu vya blanc ..je nzogerageza kumubaza nunve ..none nkako kangorane kingonera kumunwa nobihera hehe ga basha ??? ndasavye impanuro

  • None ko yama afise complexe abantu bose bamuravye kumunwa baca bashaka kudahwaa ,,twomufasha iki ga bantu bimana

  • Nashaka kubanza gushimira uwo muntu ativuze izina , yashikirije umuti mwiza abantu bakunda gukoresha munfungurwa ,ntibibaze ko nokumubiri vyobafasha. Indimu irakura akamoto kabi ,nkabarya inyama barabizi . Niyo uyikoresheje kumubiri iragabanya akamoto kabi .

    Siraa nawe yabajije ivyiyunviro kuko azi umwigeme afise ingorane yo mukanwa . Kwafise complexe niho vyiza aronse uwomwubahuka bakabivugana, bishobotse uze umuherekeze no kwamuganga ,kumbure aragira isoni zo kuja no kwamuganga. Mugabo imbere yokuja nokwamuganga , urashobora kumubwira ko umunyu ari umuti ukomeye wirwara zo mukanwa , ashobora gukorogera umunyu mumazi makeyi akaza arabundikira mukanwa kumbure haraho iyo ngorane yiwe yoca igabanuka. Muzombwira ingene vyagenze

  • ico mbona umugenzi afise akamoto kabi nomuhanura akagenda kurondera umuti.

  • Akamoto wisiga amavuta misi yose

  • umv munyihanganire kuribi,umusiman’irema ntamuntu anukayaremye.ariko hariho icobita isukurike

  • mbeg ndakubaz kowavuz ngo nukwisig’amvuta nivyo ?cank sivyo?

  • ico numva noterera nk’umuti wuko kunuka mu kwaha, nuko yozofata amazi y’indimu(citron) akazaja ayashira mu kwaha igihe cose avuye mu bwogero.

  • ndomuhanurako yokwamayoga iminsiyosekandi kazarisiga amavutayinka kurukoba

  • WOBANZA UKIRABA UKUMEZE UGACA UMWEGERA MUBWITONZI MUKAGANIRA

  • Uwufise ingorane nkiyo usanga keshi bitumwa nukutoga, ugasanga umuntu yoga kabiri mudwi uyo nti yobura kunuka. umuntu nkuyo yo kwoga kabiri kumusi,mugitondo akivyutse,nokumugoroba, akagura amavuta yi twa RASASIPOUR HOMME,na yo kwipopa kumubiri wose igihe ahejeje kwoga. acagura kandi ayamavuta yi twa NIVEA ayo akoreswa mukwisiga mukwaha gusa.ayo a shobora kumufasha iyo harufu mbi ntazosubira kuyumva.

  • ico ndobivugako nuko yoza ara ira isuku.mwenuyo rero usanga arihamwe yirukukan ubuzima gusa

  • MUVYUKURI UMUNTU ADAFISISUKU AKWIYE GUHABWA IMPANURO

  • Duhere mumutwe, hari amavuta amera neza kumishatsi ariko akagira akamoto kadakunda abantu bose. Ariko bamwe ntihagire ico bibabwira. Ukoga umutwe ni sawa, naho katoba kenshi mukwezi. MUKANWA ni BROSSER LES DENTS TOUS LES JOURS; LE SOIR AVANT DE DORMIR WAHEJE KURYA; Iyo URIYE UTEGEREZWA KU BROSSA. Kandi UKABROSSA KURI TECHNIQUE, UJANA EPFO NARUGURU CANKE; UMERA NKUWUGIRA UMUZINGI. UKONGERA UKARYA KENSHI LES FRUIT Harimwo na CITRON. Tuje MUKWAHA, babivuze benshi ndabashimiye batanze umuti w’ INDIMU; ari umuntu nawe akunze kubona vinaigre nisawa, ukavanga nutuzi kugirango ntibiguturire. Aho no musi YAMABERE.Tuje HEPFO MW’ isuku INTIME . URUMVA NAHO UTOKOGA MISIYOSE UTAFISE AMAZI CANKE WIHUTA FATA 2 MINUTE YOKOZA. mbe waruzi yuko kizira koza hariya hantu. kuko ngo bituma les truque zifabrabriqua ibituma utanuka ngo bigenda burundu, ari naco gituma bose iyo batogeje banuka, rero ni ugufata iyo NDIMU canke vinaigre wacanze namazimenshi cane kugirango ntiguturire ugaheza ukahanaguza, hamwe no mukwaha, no mumenyo iyo wihuta , ça ne prend que 2 minutes. Tuje kubirenge , haraba umuti kwamugaanga. Mukwiye kutibagirwa yuko hariho ningwara kuburyo naho wosiga za parfin gute , iyongwara yamaho, hanyuma ukaguma uhumura nabi, jewe nari ndamuzi, yarafise uburyo hanyuma akisiga za parfin ariko ntivyahera sinzi ko barwita urukakwe , uwoba azi umuti w’ iyo ngwara yoyitubwira, kandi yari umusore asa nirirenga. ikindi, ni ukwama umuntu yitwararika nimba agacupi kiwe kamesuye, kandi yakumishije neza ubwo nyene akikamesa, cokimwe nimpuzu zose , iyo wanikiye impuzu wazimesuye ni ukuzanikira neza zigaca mwo umuyaga, hanyuma zikuma neza, canke ukazitera ipasi, aho ntizishobora guhumura nabi. Kandi ukava muhira wiravye ko kumunwa atakibazo kugirango aabandi ntibakurambirwe. Nomumenyo ukaraba ko wayogeje neza. Uriye ukihanagura neza kumunwa , ukareka kuvuga iyo uriko urarya , uhejeje ukihanagura ukabona kuvuga .Murakoze

  • yokwama yoga imisi yose kandi yisiga nutuvuta

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.