IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ico ubivuzeko > Uburyo ushobora guhimbara umukoresha wawe

Uburyo ushobora guhimbara umukoresha wawe

mardi 2 Ndamukiza 2013

Mwarifuje gukora akazi kanyu neza kandi mukifuza kubona umukoresha wanyu ahimbawe cane n’igikorwa cakozwe.Rero raba: ushobora kuba uri umukozi muto ,kandi ukaba utari n’umuntu ahambaye mubo mukorana bose , kandi n’umukoresha wanyu akaba mbere atanazi ngira nuko ubaho, Mushaka rero ko mwokora mukaboneka hama mukaba uwo akunda cane kurusha abandi?

Nti mugire ubwoba izi mpanuro zirashobora kubafasha kugira akarusho imbere y’umukoresha

1.Gutonda ku kazi misi yose

Ngaha ntidushaka kuvuga gusa gutonda ku kazi gusa ngo bakubone.Ahubwo gutonda bisigura kwitanga hamwe no kwumva urabwa n’ibikorerwa impande yawe vyose,Shaka uzunguruke ku muhora woba ukunda cane ,ni vyiza ariko ivyo ntabwo bizotuma wita cane ku kazi kawe , hama umukoresha wawe ugasanga abeshwe gake
Uravye amasaha aboneka kukazi,gerageza kugira inama n’umukoresha wanyu n’imiburiburi rimwe ku musi canke ku w’iyinga,mbere mu gacishako gusa mu kavuga utuntu duke tujanye n’ingingo yariyiteko hari ico mu mubwira .

Gerageza uburyo bwose gukurikiza umurongo w’ivyo yagutumye vyose .Shira ku gapapuro inguvu hamwe n’intege nke ufise ,hamwe n’inguvu z’abandi mukorana kugira ushobore gutora abo mushobora gukorana nabo babikwiye.

2.Kubaza ibibazo

Iyo kenshi mutitayeho cane ibikorwa impande yaho mukorera mushobora kugira ibibazo vyinshi .Ntutinye bibaze

Iyo mubona ko ibintu bimwe bimwe bishobora gukorwa neza gusumba,saba muganire ku kuntu ibintu bikorwa.Iyo mutazi ingene umukoresha wanyu ashaka kubona icegeranyo ari yo rapport ,musabe agusigurire neza.Nimba mushaka kumenya izindi nkuru nyinshi ,bibaze neza
Ivyo vyerekana ko mwitangira cane akazi kanyu kandi mufise icifuzo ca kazi gakozwe neza

3.Guma mukora akazi gusa

Ibihome birafise amatwi .Gerageza kwumvikana na bose mu migenderanire n’abandi ariko n’ukuguma uri mu murongo wakazi ntihagire ibindi bintu vyinshi winjiramwo Irinde ibihuha ,ntimukavuge insaku ku bandi bakozi mukorana icibagiwe co ku mukoresha wawe.

Kandi mwiyubare cane muvyo mwandika muri bwa butumwa bwo kuri bwa buhinga bwa none(e mail) :ivyo ni kubera ushobora gusanga umukoresha ashobora kubona ivyo wandika. Aho rero abantu bafise intumbero zibi bashobora guca ngaho kugira bakugirire nabi.Tubibutse kandi ko mworikanura kuvyerekeye ya mihora ya facebook hamwe na twitter ,Ivyiyumviro hamwe no kunegura nivyo kenshi usanga kuri iyo mihora, bizoshika vyihuta mu matwi y’umukoresha wanyu uko mutovyibaza,

4.Kwibwiriza ivyo umuntu yokora

Ubu rero biraba ,muravyitaho,kandi mukora uko mushoboye kwose ,igikurikira n’ugukora birushirije

Intumbero zawe zitegerezwa gusumba mbere nivyo wasabwe ,guma ku mirimo gusumvya uko wahora ,fasha abandi mukorana bafise ingorane .bikore kurusha uko wabikora.Nimba ufise umwanya n’iciyumviro ciza co gukora ,ibwirize ugikore.Erekana ukwitanga mu vyo urimwo vyose.Naho ako gakorwa gashobora kuba ari gato,kubona atawundi numwe yiyumviriye utwo tuntu duto duto twose tuzotuma umukoresha agukunda kurusha abandi bose mukorana.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.