IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > volley-ball > Bujumbura:Umurwi nserukira gihugu w’umupira w’amaboko buca uja gukina mu (...)

Bujumbura:Umurwi nserukira gihugu w’umupira w’amaboko buca uja gukina mu makungu

mardi 22 Gitugutu 2013

Umurwi nserukira gihugu w’uwupira w’amaboko mu Burundi, uriko witegurira amahiganwa y’umupira w’amaboko azobera mu Rwanda ku magenekerezo ya 25 Munyonyo 2013 gushika kw’igenekerezo rya 1 Kigarama 2013.

Manirakiza Aloys arongoye umurwi w’ubuhinga mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaboko n’abakunzi bawo b’i Bujumbura (Association de Volleyball et Amateurs de Bujumbura (AVAB)), amenyesha ko uwo murwi uheruka kuronka uruhusha rwo kuzoja mu mahiganwa mpuzamakungu, azoba mu mwaka w’ 2014 aho bari mu Buganda ku ma genekerezo ya 24 na 29.

Yende Lavoisier aturuka mu gihugu ca Cameroun amenyereza umurwi nserukira gihugu w’uwupira w’amaboko wa Gabon, niwe yatowe n’amashirahamwe y’umupira w’amaboko muri Africa(CAVEB) kugira aze kwunganira abamenyereza bo mu Burundi mu kwitegurira ayo mahiganwa. Tumubajije igituma ariwe yatowe, yishura hatorwa abahinga bakamirikiye mu bijanye n’uwo mukino. Abandanya atubwira ko umurwi nserukira gihugu w’uwumupira w’amaboko w’Uburundi, ufise amahirwe menshi yo gutahana intsinzi. Kuri ivyo, amenyesha ko abakinyi ariko amenyereza ari beza k’umupira no ku mubiri.

Abo nabo, bafise hagati y’imyaka 22 na 25, uburebure buri hagati ya metero 1,82 kandi barabangutse cane. Ivyo rero ni ibibaha amahigwe yogutsinda mu mukino w’umupira w’amaboko. Iruhande y’ivyo, arashima ingene yakiriwe, ko abarundi bafise umutima runtu. Ibijanye n’urwo rukino, tukaba ko tuzokwama tubibamenyesha gushika ruhere.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.