IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > volley-ball > Muramvya : Ishirahamwe ry ‘urukino rw ‘amaboko volleyball ryavutse

Muramvya : Ishirahamwe ry ‘urukino rw ‘amaboko volleyball ryavutse

mardi 3 Nyakanga 2013

Umukino wa Volleyball usa n’uwari waribagiwe mu ntara ya Muramvya, abakunzi bawo bo muri iyo ntara bakaba baherutse gutanguza ishirahamwe ry’uwo mukino muri iyo ntara.

Bukeye i komine iri mu ntara ya Muramvya, niyo yiyumviriye gushinga ishirahamwe ry’urukino rwa volleyball muri yo ntara. Abakunzi b ‘urukino rwa volleyball bo mu ntara ya Muramvya nibo biyumviriye gutanguza iryo shirahamwe inyuma y‘imyaka myinshi bagira utwigoro. Vyari bibaje cane kubona urwaruka rwo mu ntara ya Muramvya rudafise ahantu bahiganirwa n’izindi ntara. Akaba ari akanyamuneza nta ngere kuri uno munsi ‘’,bivugwa na Justin Nkenzuburundi alias Mucapa ,umumenyereza wo ku rwego rwa 1 akaba ari nawe yashinze ishure ry ‘urukino rwa volleyball mu Bukeye.

Ihiganwa ryari ryatunganijwe n’ama komine ane y’intara ya Muramvya nk’akarorero Kerebuka (Bukeye), shombo, Mbuye, Rutegama, aho hongeyeko umurwi wa matongo (Kayanza ) uzokinira i Muramvya kuko iyo komine isanzwe yegereye mu Bukeye ahasanzwe hari icicaro c’iryo shirahamwe AVK. Iryo higanwa rikaba ryatsindiye umurwi w’i Mbuye aho watsinze Matongo mu rukino rwanyuma. Ibirori bikaba vyari vyatewe iteka n’umukuru w’urukino rwa Volleyball Louis Rwakiranya asanzwe ari umwe mu bagize komite y ‘ubuhinga mw ishirahamwe mpuzamakungu rya volleyball, hamwe n’umuyobozi mukuru ajejwe ubuhinga, Emmanuel Ndibanje.

Louis Rwakiranya yari yagiye kugira afate mu mugongo iryo shirahamwe rikiri rito kandi yongere ashigikire iciyumviro c’uko boshinga ishure rya volley, rizofasha cane mu kuraba impano z ‘abana muri iyo ntara. Ivyo vyatumye aronkeraho akaryo ko guha iryo shure imfashanyo y’imipira itari mike hamwe n’’amafile kugira bashigikire utwo twigoro. Mw íjambo ryiwe, Louis Rwakiranya akaba yahamagariye abatwara iryo shirahamwe kwitaho cane abakiri bato, na cane cane urwaruka. yemeye kuzokwama ashigikira utwigoro twose tugenda muri ubwo buryo bwo guteza imbere ubushobozi bw’urwaruka mu nkino mu Burundi.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.