IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > volley-ball > Umurwi wa Muzinga wirahiye umurwi wa "Bujumbura Uwezo wa Ndani"

Umurwi wa Muzinga wirahiye umurwi wa "Bujumbura Uwezo wa Ndani"

lundi 10 Ruhuhuma 2014

Ishirahamwe ry’umupira w’amaboko ry’i Bujumbura, ryarahejeje inkino zogusobanura imirwi izokwitaba amahiganwa yo ku rwego rw’igihugu. Umurwi wa Muzinga watanye mu mitwe n’umurwi wegukira «Mairie ya Bujumbura».

Ku kibuga kiri mu bushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama, ku munsi w’ejo w’Imana harabaye urukino rwahuje umurwi wa Muzinga n’umurwi wegamiye «Mairie ya Bujumbura» Bujumbura Uwezo wa Ndani «B.U.N». Urwo rukino ntirwari rworoshe n’agato kuko amanota yagenda abangabanganye. Urukino rwagiye kurangira ku ntsinzi y’umurwi wa Muzinga. Itsinzi y’amanota 3 kuri 1 «3-1».

JPEG - 33.6 ko
Abkinyi ba Muzinga

Umumenyereza w’umurwi wa Muzinga, Niyongabo Epimac yamenyesheje n’umunezero mwinshi ko umurwi wa BUN (Bujumbura Uwezo wa Ndani) atari uwo guta mu nda nsa. Avuga ko baronse intsinzi bayikoreye. Epimac yatumenyesheje ko agiye guhindura umukenyuro kugira batsindire igikombe c’amahiganwa yo ku rwego rw’igihugu.

JPEG - 35.9 ko
Epimac amenyereza umurwi wa Muzinga

Ngendakumana Claver amenyeraza umurwi wa BUN, n’agashavu kenshi k’aho ahejeje gutsindwa, yabonye ko gutsindwa kw’umurwi wiwe ahanini kwavuye ku bari bahagarariye urukino «Arbitres». Avuga ati : "Aba arbitres bacu barakeneye guhabwa inyigisho kuko bakora ivyo batazi kandi bitera intege nke abakinyi." Naho biri uko, uwo mu menyereza avuga ko uko gutsindwa ata nkokora kumuciye kubera umurwi wiwe wamaze kuzotorwa mu mirwi 4 izoserukira igisagara ca Bujumbura mu mahiganwa yo ku rwego rw’igihugu.

JPEG - 41.6 ko
Claver amenyereza umurwi wa BUN

Icibonekeje mu kibuga n’uko iyo mirwi ata mwana yarimwo kandi rwari urukino rubereye ijisho. Ikindi naco, haribonekeje ukutumvikana hagati y’abaraba amakosa n’umumenyereza wa BUN aho wewe yabona ko batariko bandika ivy’ukuri.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.