IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > volley-ball > Volley ball : Muzinga yaraye itsinze mu rukino rwa nyuma

Volley ball : Muzinga yaraye itsinze mu rukino rwa nyuma

lundi 15 Mukakaro 2013

Ishirahamwe ry’umupira w’amaboko “ Volleyball “ mu Burundi baratunganije kuva kuwa 13 Mukakaro gushika 14 Mukakaro 2013 ihiganwa ryo gutanguza inkino nyezina zo muri uyu mwaka. Igikombe c’iryo higanwa kikaba catahukanwe na Muzinga atsinze Rukinzo mu rukino rwa nyuma.

Muri iryo higanwa ryabereye ku kibuga co kuri Département des sports, abakunzi ba Volleyball bari baje ari benshi kurorera urwo rukino hagati y’iyo mirwi ibiri yo mu gisagara ca Bujumbura isanzwe ari abakeba.

Mu gice ca mbere, Muzinga yarasatiriye bikomeye umurwi wa Rukinzo, ari navyo vyatumye itsinda ico gice. Mu gice ca kabiri c’urukino, uruhigi rwarahindukiye, Rukinzo barivyukiranije ico gice kirangira ku ntsinzi yabo. Igice ca gatatu carangiye ku ntsinzi ya bagenzi ba Ntwari Tresor, kizigenza w’umurwi wa Muzinga ari nawe yatanze imipira myinshi kandi myiza yashoboye guha intsinzi umurwi w’igisirikare Muzinga, wirahira umurwi w’igipolisi Rukinzo.

Mu gice ca kane ari naco ca nyuma, Muzinga yatsinze bitagoranye, gutyo igikombe c’iryo higanwa baca baragitahira.

Twobamenyesha ko ico gice ca nyuma c’ihiganwa ryari rimaze iminsi ibiri caranzwe n’impari nyinshi ku mukinyi Jeef aturuka mu gihugu ca Uganda yahora akinira Muzinga. Uwo mukinyi yaguzwe na Rukinzo bakaba bariko bamenyesha ko ihiganwa ry’umupira w’amaboko « Volleyball » mu Burundi ritaremeza ivyerekeye uguhindura umurwi kw’uwo mukinyi. Inyuma y’impari, muri Muzinga baragondojwe baca barareka Jeff akinira Rukinzo muri urwo rukino.


Egide Nduwimana

Messages

  • twe turavye ingene iri higanwa rya volley bool ryatunganijwe turabonako atamategeko yagiyemwo nagato.raba ukuntu umukinyi jeef urabe ukuntu barenganije G L bisunze amategeko ayahe?je mbona abajejwe urwo rukino botanga imihoho!murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.