IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Chanelle > inkuru > Chany Queen yerekanye ibintu 3 atahora akora mu buzima bwiwe

Chany Queen yerekanye ibintu 3 atahora akora mu buzima bwiwe

lundi 9 Ntwarante 2015

Umuririmvyikazi Chanelle canke Chany Queen yaraye yerekanye ibintu bitatu atahora akunda gukora kamere kiwe: kuririmba "live",no kwambara impuzu zikora ku birenge, hamwe no kwigendana atari kumwe na R Flow.

Chany ati:"sinari bwaririmbe muri "live" ariko ico nabonye ni uko biryoshe". Chany Queen arashima akaryo keza yaronse ko kwubahuka kuririmba muri ubwo buryo bushasha. Chanelle ahejeje kuririmba twamubajije ko yoshobora kubandanya muri "Live", ati:"jewe nabonye ndabishoboye sinzi nk’abarorerezi". Chany avugako intango ya vyose yo kwimenyereza kuririmba muri ’live" ari isabukuru y’umukenyezi yarahejeje kuririmbamwo ku butumire bwa Natacha kuri Club du Lac Tanganyika. Ati:"Natacha akimpamagara yansavye ko ntegerezwa kuririmba muri "live", nanje ndagamburuka".

Chany Queen yaserutse kuri "stage" yambaye ikanzu ishonye mu gitenge ndende gushika naho ipfuka ibirenge, benshi baratangaye kuko ntibiri muri kamere kiwe. Chany Queen ati:"Uno munsi ni umunsi mukuru w’abakenzi nanje ndi umukenzi kuko ndafise umwana w’imyaka 10 nanje ndi umuvyeyi, nashatse gukenyera kuko nanje ndi umukenyezi nk’abandi. Ariko rero iyo kanzu irafise akantu gacafye mu mutima kerekana amabere.

Yemeza ko agiye guhora yambara impuzu ndende kubera yabonye ko aberewe n’abandi bakabimubwira, cane cane mu biteramo nk’ivyo, ati:" Igikembwe k’umugore ni nka costume ku mushingantahe".

Ikindi n’uko Chany Queen atamenyerewe kuboneka atari kumwe n’uwo bakundanye R Flow, ati:"Uyu si umunsi w’abakundana ari ni uw’abavyeyi, ahubwo noba kumwe n’umuvyeyi wanje".

Abakunzi ba Chany Queen bitege vuba indirimbo nshasha ariko ategura hamwe n’urukuriirane rwiwe rwa mbere, avuga ko ruzoba rugizwe n’indirimbo 6 harimwo izitwa "Mukenyezi, na Nzokwama ndagukunda".

JPEG - 62.9 ko
Impuzu Chany Queen yambara mu bindi biteramo ziba zigera hejuru y’amavi

Umviriza "what’s my name" Fizzo na Chany Queen


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.