IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Chanelle > inkuru > Kook-k na Chany Queen muri "How Much I Love You" : None boba (...)

Kook-k na Chany Queen muri "How Much I Love You" : None boba bakundana?

mardi 8 Ndamukiza 2014

Ururirimbo How Much I Love You rwaririmbwe na Koo-k na Chany Queen rwaragiye ahabona. Urwo ruririmbo rwari rwananiranye gutahurwa, kuko abenshi bumva ko Kook-k na Chany Queen bashize ahabona urukundo bafitaniye, nk’uko vyumvikana no mu ruririmbo. Vyari bisanzwe bizwi ko Kook-k akundanye na Thity Love, Chany Queen nawe akagira umukunzi, ariwe umuririmvyi R Flow.

How Much I Love You ni ururirimbo rushasha umuhinyanyuzi akaba n’umuririmvyi Kook-k yaririmbanye na Chany Queen. Muri urwo ruririmbo, humvikanamwo amajambo yemeza ko abo baririmvyi bashize ku mugaragaro urukundo bakundanye ariko rwahora mu kinyegero.

Mu citabirizo c’urwo ruririmbo, Kook-k na Queen bati : "Turarushe no kuguma twinyegeza, dushaka bose bamenye how much I love you (Ukungene ndagukunda."
Mu ntango z’ururirimbo, Chany Queen aragaruka akavuga ko azi ko Kook-k akundanye na Thity Love ko nawe akundanye na R Flow. Benshi rero vyabananiye gutahura ido n’ido y’ico urwo ruririmbo ruvuga.

Kook-k aratanga umuco amenyesha ko ayo majambo y’urukundo aryohera ugutwi, kandi akomeye cane yose ari amajambo y’ururirimbo ko ataho bihuriye n’ukuri. Ukwo kuri ni uko Chany akundana na R Flow nayo Kook-k nawe akaba ari kumwe na Thity love nka mpfampfe wiwe.

Twobamenyesha ko urwo ruririmbo rwakorewe muri Golden Records, rukozwe na Kook-k ubwiwe.

Umviriza uririmbo “How Much I Love You”


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.