IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Chanelle > inkuru > Menya vyinshi k’umuririmvyi Chanelle

Menya vyinshi k’umuririmvyi Chanelle

mercredi 27 Ruhuhuma 2013

Gitare Chanelle basigaye bita Queen Flow kuko ubu ari umukunzi wa R-Flow ; ni umuririmvyikazi w’umurundi amaze kumenyekana nk’umwe mubaririmvyi kazi ba bahinga mu gihugu c’Uburundi.

Uwo akaba ari umwigeme w’imyaka 24 y’amavuko, akaba afise umwana umwe witwa Rahma yavyaranye na Lolilo mu gihe bari bagikundana.

JPEG - 7.2 ko

Chanelle yamenyekanye kubera ijwi ryiwe ry’ubuhinga ryagiye rigaragara mu ndirimbo nyinshi yagiye aririmbamwo, zaba izo yasabwe gufadikanya n’abandi ndetse n’iziwe.
Yatanguye kuririmnba mu mwaka w’i 2004 aho yaririmbanye cane na Lolilo. Mu 2008 niho yasohoye ururirimbo rwiwe rwa mbere rwitwa “Penzi la kweli”.

Aho niho yabandanije gukora bimwe bigaragara, anatangura kuronderwa cane n’abandi baririmvyi ndetse n’imirwi y’abaririmvyi kugira bakorane indirimbo.

Aha twovuga nka Jay-Fire muri “Acha izariwe”, Yoya muri “Birababaza”, Saleh-G muri “no love” ndetse n’abandi benshi. Icibonekeje ni uko indirimbo zose Chanelle yaririmvye mwo zagiye zikundwa cane.

Mu mwaka w’ i 2009 , chanelle arikumwe na R-Flow n’abandi baririmvyi batanu batanguje umurwi bise “The Cousin”. Ariko ubu basigaye ari batatu, abo nabo ni: Chanelle, R-Flow na Bamson umurapere ukunzwe na benshi.

Chanelle avuga ko naho aririmba muri uwo murwi bitamubuza kubandanya gukora indirimbo ziwe ukwiwe. Arongera akamenyesha ko mu minsi iri imbere agiye gushira ahabona indirimbo ziwe shasha n’amasanamu yazo.

Akaba asozera ashimira abakunzi biwe bose atibagiye King Flow uwatumye basigaye bamwita Queen Flow.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.