IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > Kidum yerekana ko abavuga ko yarongowe n’inzoga ari abamwanka (...)

Kidum yerekana ko abavuga ko yarongowe n’inzoga ari abamwanka (vidéo)

mardi 24 Ruhuhuma 2015

Kidum yasohoye "vidéo" aho abandanya abeshuza amakuru yaciye ku kinyamakuru Daily Post co muri Kenya, avuga ko yarongowe n’inzoga. Asaba abakunzi biwe kuhagabira kuko abo ari abo yita abanyenzigo, agasaba Imana ko yobaharira.

Umutwe wa "vidéo" Kidum yashize ahabona handitse :" Nta ngorane mfise z’ibiyayura mutwe canke z’inzoga". Mu kiganiro yatanze ku nsamirizi INDUNDI isamiranira muri Amerika yavuze ko abo bavuga ivyo ari abamwanka bashaka gucafuza izina ryiwe. Ati : "Amagara yanje yifashwe neza, na jewe meza neza cane, nari maze iminsi mu biteramo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika kandi vuba nzoba ndi i Buraya".

Abandanya avugira muri iyo "Vidéo" ati : "Jewe ndazi ico nkora, abo bavuga ko nahevye umuziki kubera batambona hirya no hino i Nairobi nibaza ko murondera ivyo mwikingiza, ivyo birabasha, ariko Imana ibaharire. Nagira menyeshe abakunzi ko bogaba kuri abo bandika ivyo kubera ari ababeshi". Kidum aboneka muri iyo "vidéo" ariko agira imyimenyerezo yo kwinonora imitsi, aterura ivyuma.

Iyo "vidéo"irangira haboneka agace gatoyi Kidum ariko agirisha igiteramo n’abantu isinzi, batamba batarika.

Raba iyo "vidéo" ya Kidum


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.