IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > Kidumu : “Kuvuga ukuri ntaho bihuriye no gusuzugura abanyagihugu”

Kidumu : “Kuvuga ukuri ntaho bihuriye no gusuzugura abanyagihugu”

mardi 23 Mukakaro 2013

Ku bimaze iminsi bivurwa ko umuririmvyi w’umurundi Kidumu Kibido Kibuganizo yoba anebagura kandi agasuzugura umuziki w’abarundi, yagize ico abivuga ko mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE kuri uyu wa 22 Mukakaro uyu mwaka w’2013.

Kidumu avuga ko intango ya vyose, ari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma y’igiteramo c’umuririmvyi w’umutanzaniya Ally Kiba, mu gihe yari abajijwe ukwo abona umuziki wo mu Burundi. Kidumu avuga ko yoba yatahuwe nabi kuko yavuze ko abaririmvyi b’abarundi atabikoresho bafise vy’umuziki ugereranije n’abandi ba nyamuziki bo mu karere. Avuga ko muri ico kiganiro yari yateye akamo Leta ko yoraba ikorohereza abanyamitahe bo mu muziki bashaka kuzana imitahe yabo mu Burundi, gutyo urwaruka rw’Uburundi rugashobora gusohora indirimbo nziza kandi zifise akanovera kuko ngo abaririmvyi b’abarundi bafise ingabirano zikomeye ugereranije n’ahandi henshi cane.

Abandanya avuga ko ababajwe n’ingene bamwe mu bamenyeshamakuru bariko bashaka kumuhindurira akaranga mu banyagihugu bavuga y’uko yavuze nabi agasuzugura abanyagihugu n’abajejwe igisata c’umuziki.
Abandanya avuga ko atovuga nabi Uburundi kandi nawe ari umurundi, ariko ngo ico avuga cose aba agomba ko bokosorera hamwe ibitagenda neza kuko iterambere ry’igihugu nawe rimuraba. Avuga ko imyaka 18 amaze mu gihugu ca Kenya, yanse gufata ubwenegihugu bw’aho kubw’urukundo akunda igihugu camwibarutse.

Yatanze iciyumviro ku mashirahamwe akomeye nka Brarudi n’ayandi ko aho kuja baja gukotesha ivyuma na za podium ahandi barakwiye kurondera ivyabo biguma hano mu gihugu, bikagirira akamaro urwaruka rw’abaririmvyi bo mu Burundi.
Ati : "Kw’igenekerezo rya 11 Myandagaro 2013, twateguye ubwa mbere isabukuru y’umuziki yitwa Buja Summer Fest, ariko iyoba ibintu vyose vyikwije nari kuzobisanga ngaha mu Burundi, ariko bimwe nka podium yo kuririmbirako n’ibindi bizova hanze. Mu vy’ukuri ivyo mvuga birumvikana, gusa ntibisigura ko ngomba kuvuga ko i Burundi atabikoresho na bikeyi bihari vy’umuziki."

Abandanya avuga ko mw’isabukuru ry’umuziki Buja summer Fest ariko arategura ritegekanijwe kw’igenekerezo rya 11 Myandagaro, ibikoresho bimwe bimwe nka podium bizova hanze, ati : "Nk’ivyo ndabivuze mba nkebuye, ntivyoba vyiza ko hari aboca bamffata nk’uwuneguye iwabo, aho yavukiye."

Mu guheraheza yibukije ko ari umurundi, ko akunda uburundi kandi ko aharanira iterambere ry’igihugu camwibarutse.


Joel Sengurebe

Messages

  • nukuri ivyo uvuga ni ukuri ntamvo zo kukwikoma

  • abanyamakuru mbere yo kuvuga ibintu bajye babanza barebe uwo bavuga umusaza isi yose yubaha ninde wamwigereranya mu Rwanda uzi ukuntu tumwubaha none se kuvuga ko ntabikoresho bya muzika bihagije wa mugani bihuriye hehe no gusuzugura komera musaza wacu turakwemera cyane

  • jew mbona yavuze ukuri mu burundi nta bikoresho vy’umuziki biriho ! nirya PRIMUSIC bavuga niyuburofa !!!!!!!!!! baduhendesha 15 million ni murabe mu rwanda irya PGSS uwuzoyitwara azoronka hafi 23 million z’amanyarwanda aho ni nka 46 million z’amarundi !!

    Mu burundi twishwe nuko ata politique de sponsor dufis e kandi ivyo si mu music gusa na Sport nico kimwe !!!!!!!!!1

  • hoya ivyo yavuze ntamvo zo kumwikoma kuko birumvikana amahera yose yagomba gukora ibikorwa nkivyo yikoresherezwa ibitajanye so turakwemera musaza

  • NDAZIKO ATACO MWIBANGA UMUTAMA WACU KIDUMU WEWE CIRAMUTE! KANDIJEWE KUGIRA UMUTIMA UREME ABASHATSE GUSHIRA MUYINDINTUMBERO IVYOYARIYAVUZE TURABAKENEYE BISIGURE NDI MUBURAYA ARIKO KIDOMORI NDIFUZA KUMUBONA MUMASO MUYANDI VYANANSHOBOKERA NKAMUKORAKO NUKUMURAMUTSA NDAMUKUNDA CAAAAAAAAAAAAANE.

  • Nne Kidumu Kwabona Kwatabkoresho Wew Yakoz Ik?Kugra Bibnek Erga Btukisha Twes!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.